Amashirahamwe mpuzamakungu nka ONUSIDA, Global Fund, PEPFAR afasha mu gisata c’amagara y’abantu mu gihugu ca Uganda yaraye aburiye igihugu ca Uganda ko cokwitegurira ubwinshi bw’abarwayi ba SIDA bitewe n’itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye riherutse kwemezwa na Leta.
Kuri uyu wa mbere niho inama nshingamateka ya Uganda yatangaza ko Perezida Museveni yasinye kw’itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye. Muri iryo tegeko rishi, Uwuzofatirwa mw’ico caha azoca ahanishwa gupfungwa imyaka 20 hamwe no kuba yo kwicwa mu gihe bigaragaye ko ico caha yagikoze n’ibigirankana.
Iryo tegeko ryashize Uganda mu mazi abira kuko ibihugu bitandukanye vya buraya na Amerika ndetse n’amashirahamwe mpuzamakungu afasha mw’ico gihugu batanguye kuburira Uganda , ndetse na Amerika ikaba yaraye yimye uruhusha rwa VISA umukuru w’inama nshingamateka Anita Among ku mpamvu zifitaniye n’iryo tegeko riheruka kwemezwa.
Kuri uyu wa mbere, Amashirahamwe mpuzamakungu afasha mu gisata c’amagara y’abantu mu gihugu ca Uganda ariyo :Global Fund, ONUSIDA, PEPFAR yarasohoye itangazo avuga ko inzira Uganda yafashe yo gukumira abahuza ibitsina babisangiye igiye gutuma ibitigiri vy’abandura SIDA vyiyongera.
Ayo mashirahamwe yagize ati :”Itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye rizobangamira umugambi w’inyigisho watangwa ku bagendana SIDA ingene boza bitwara”
Arongera akavuga ati :”Abaryamana basangiye ibitsina muri Uganda bakomeje kugira ubwoba bw’umutekano wabo , abenshi bahagaritse kuja gusaba ubufasha bw’ubuvuzi kubera gutinya kugirirwa nabi canke guhanwa”.
Tubamenyeshe ko Umukuru w’igihugu ca Uganda yaheruka gutangaza ko hariho amashirahamwe mpuzamakungu yamuburiye amubwira ko niyaramuka ateye umukono kw’itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye , azoca amwima amafaranga yahora aza atangwa mu gufasha abagendana umugera wa SIDA.
Recent Comments