Abategetsi mu gipolisi bo mu ntara ya Bungoma (mu burengero bw’igihugu ca Kenya)bategetse uwitwa Ronald Nakalila wanyama , yiyise “umuvugishwa Yohana” kwishikana imbere yabo bitarenze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2Ruheshi 2023 kugira agirweko amatohoza ku nyigisho atanga ku bayoboke biwe.
NakalilaWanyama,indongozi y’ishengero “The church for All Nations” riri mu burengero bwa Kenya , aheruka gutangaza ko agiye gushiraha ahabona igitabu ca Bibiliya yikoreye hamwe n’amafaranga mashasha agiye kuzoza akoreshwa.
Iradiyo n’imboneshakure vyo mu gihugu ca Kenya “Citizen TV”vyatangaje kuri uyu wa kabiri ko Uwo muvugishwa asanzwe kandi afise abagore 42 n’abana 289 yakozweko amatohoza basanga inyigisho ziwe z’ijambo ry’Imana atanga ku bayoboke biwe, zirateye amakenga.
Tubamenyeshe ko Leta ya Kenya iriko ihangana n’abakozi b’Imana bigisha ubutumwa buyovya abantu . Ni inyuma yahoo Umupasitori yitwa Paul Mackenzi ahamagariye abayoboke biwe kwiyica biciye mu kwisonzesha kugira bazobonane na Yesu. Abantu bababa 300 bakaba bamaze gutorwa ibiziga abandi barazurwa aho bari bahambwe mw’ishamba ryitwa Shakahola ari naryo ryabereyemwo ivyo bikorwa vyo kwisonzzesha. Mackenzie ubu iki gihe akaba apfunzwe yagirizwa ivyo vyaha vy’ubwicanyi.
Recent Comments