Umugabo wo mu gace ka Giakanja, mu karere ka Maara mu ntara ya Tharaka Nithi yarahagaritswe n’igipolisi mu ndwi iheze inyuma yaho se wiwe aburiwe irengero hari haciye imisi.

Uwo mugabo yariyemereye ko yishe se wiwe w’imyaka 70, Nevert Miriti maze aca yotsa yongera arya ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri w’uwo mutama maze aca ata ibihimba bisigaye bigizwe ahanini n’umutwe mu kinogo cari muhira iwe.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri kenya Nation.Africa Uwo yakoze ico caha c’ubwicanyi yaratwaye igipolisi mu kibanza yahambwemwo umutwe wa se wiwe. Abanyagihugu babana na Nyakwigendera Miriti bavuga ko bamenye neza ko ari uwo umuhungu yishe se wiwe igihe bamufashe ariko yotsa inyama zo mu gice co ku matako, niko guca bamutwara mu gipolisi. Akaba yaremeye icaha ko ariwe yishe se wiwe ariko nta mvo yatanze zatumye yihekura ndetse yavuze ko yariye ibihimba vyiwe nka vyose kiretse umutwe wonyene yahavuye ata mu kinogo cari muhira.





Recent Comments