UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ubutungane bw’uburundi buhanzwe n’ikiza c’ibiturire-Domine Banyankimbona

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona yemeza yuko ubutungane bw’uburundi buhanzwe n’ikiza c’ibiturire kubw’ivyo atera akamo abenegihugu bose kudomako urutoki abacamanza bariko baracafuza ishusho y’ubutungane bw’uburundi mu kwaka no kurya ibiturire kugira Uburundi buzoshike muri yambono kazoza ya 2040-2060 ari igihugu kirangwa n’amategeko.ibi yabivugiye mu ntara ya Cibitoke muri iyi ndwi twaraye turangije mu ntumbero bihaye yo kugendera ama sentare yose y’igihugu imisi yose ku wa kabiri.


Domine Banyankimbona arongoye bushikiranganji bw’ubutungane yaramenyesheje ko hibonekeza abacamanza n’abashikirizamanza bakirangwa n’ingeso yo kwaka ibiturire abenegihugu mbere yemeza yuko ubutungane bw’uburundi buhanzwe n’ikiza c’ibiturire.

Uwo mushikiranganji yarateye akamo abacamanza bose hamwe n’abashikirizamanza kuvavanura n’ingeso mbi yo kwaka no kurya ibiturire maze bagatunganiriza abenegihugu ata nkunzi yongera saba abenegihugu,abacamanza badafise iyo ngeso ko kurya ibiturire kudomako urutoki uwo wese acafuza ishusho y’ubutungane mu kwaka ibiturire kugira igihugu kizogere kuri ya mbono kazoza ari igihugu kirangwa n’ubutungane bwiza.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu mwaka wa 2021 yamenyesheje ko I komine zose zigize igihugu yasanze zirangwa n’amarira y’abenegihu barira bavuga ko abacamanza badashobora kubacira imanza badatanze amafaranga.

Ubutungane bw’uburundi buravugwa ko buhanzwe n’ikiza c’ibiturire.N’umukuru w’igihugu yaramenyesheje mu mwaka wa 2022 ko abacamanza bamwe bigenza nabi mu kurya ibiturire mbere agirako afata ingingo yo gusezerera abacanza 35 barirukanwa mu kazi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments