UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amategeko agenga amatora ya 2025 ashobora gukumira bamwe-Keffa Nibizi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye umugambwe CODEBU keffa Nibizi amenyesha ko amategeko agenga amatora ya 2025 ashobora gukumira bamwe afatiye kw’itorwa ry’abagize CENI bose bashizweho n’umugambwe Cndd-Fdd gusa hamwe n’amafaranga asabwa kubitoza mu kibanza c’amakomine yashizweho atahoraho, nayo amafaranga asabwa kubitoza mu kibanza c’abashingamateka hamwe n’umukuru w’igihugu yadugijwe.kubwiwe izo ngingo zishobora gukumira bamwe.


Keffa Nibizi agira ati:«Mu gihe inama nkenguzamateka na Nshingamateka zamenyesheje ko zigiye kwiga integuro y’ibwirizwa rigenga amatora muri kino cicero vyinjiyemo,umugambwe CODEBU urafise amakenga kuvyerekeye ingene amatora ariko aratunganywa kuko biboneka yuko harimwo ikumirwa rya bamwe.ivyo tubivuga dufatiye ku murwi CNI bgaragara ko abawugize bashizweho n’umugambwe uri kubutegetsi gusa.uravye ukuntu uwo murwi wubatse vyarateye amakenga abatari bake.ikindi tubona nuko mu gushiraho iryo tegeko rigenga amatora ,ivyari vyashikirijwe n’imigambwe vyari gufasha yuko agenda neza vyose ata nakimwe cafatiweko.»

Keffa Nibizi avuga kandi ko n’amafaranga asabwa kubitoza mu kibanza c’amakomine,abashingamateka hamwe n’umukuru w’igihugu yadugijwe.agira ati:«ivyerekeye amafaranga asabwa ku bitoza(caution) yaradugijwe;ku bashingamateka bavuye kubihumbi amajana atanu(500,000fb) baja ku miriyoni zibiri(2,000,000fb),umukuru w’igihugu bavuye ku miriyoni mirongo itatu(30,000,000fb baja ku miriyoni ijana(100,000,000fb) ku makomine hashizweho caution itahoraho y’ibihumbi amajana abiri(200,000fb) izo n’ingingo zigaragaza ikumira.dusaba inama nkenguzamateka na nshingamateka aho buca biga itegeko rigenga amatora gukurako inzitizi zose zotuma amatora atagenda neza.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments