UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hoba hariyo ibikoko biterekerwa n’abategetsi ba CNDD-FDD-Bob Rugurika.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuyobozi mukuru w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu Bob Rugurika akaba n’umumenyeshamakuru akwirikiranira hafi ibijanye n’ubuzima bw’igihugu avuga ko afise amakuru yizewe ko ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hoba hariyo ibikoko(amasato)biterekerwa n’abategetsi ba Cndd-Fdd ,kubwiwe avuga ko Leta itari kubura amahera yo kwubaka irya soko ahubwo nuko bazi ivyo bahakoreye. Ibi yabivugiye mu kiganiro ijambo ni rwawe co kuri uyu wa gatandatu uheze caremeshejwe na Ines Gakiza kuri radio RPA mu gihe yari umutumire.


Bob Rugurika yamenyesheje ko Leta ya Cndd-Fdd itabuze uburyo bwo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura ahubwo abategetsi ba Cndd-fdd bafise ibikoko bateerekeye harya hahoze isoko nkuru ya Bujumbura.yagize ati:«uko umwaka utashe ntihabura umushikiranganji canke umushikiranganji avuga ngo ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura tugiye kuhubaka isoko nini ya kijambere ngo y’amagorofa 12 ifise ububiko(parking)nibaza ko ntari umusazi muvyibuka nikubera jewe nfise amakuru y’igituma baturiye irya soko kandi nkagira amakuru y’ibintu biri muri kirya kibanza;amasato,ibikoko bitagira ubwoko biri harya hahoze isoko nkuru ya Bujumbura.naravuze nti iyi Leta ya Cndd-Fdd jewe bazonyite umusazi ibi bintu nivyaba mu mwaka uza,nivyaba mu myaka ibiri.naranavuze nti imbere yuko biyumvira kwubaka ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura nibabanzw basi barungike abakoze ba Mairie bakure imicafu iri muri kirya kibanza.»

Isoko nkuru ya Bujumbura yaturiwe igenekerezo rya 27 nzero 2013,iyo soko yari ifitiye akamaro kanini ku gihugu n’abenegihu.gushika nubu imyaka 11 irarangiye ivyo kwubaka biri mu majambo gusa ariko nta bikorwa bigaragara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments