UBM News ads

Ubutungane bwanse kurekura Germain Rukuki inyuma yo kurangiza igihano yakatiwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubutungane bw-uburundi bwanse kurekura  Germain Rukuki, umwe mubaharanira agateka ka zina muntu. Uyo nawe akaba yaheruka kugabanirizwa igihano kiva ku gifungo c-imyaka 32 kija ku mwaka 1, vyari bitegekanijwe ko afungurwa ku musi wa gatanu w-indwi twaraye tusozeye ariko abamwunganira bamenyesha ko habonetse irindi tegeko ribwira uwutwara ibohero rya Ngozi, asanzwe amazemwo imyaka 4 afunzwe, kutubahiriza iyo ngingo.Germain Rukuki – Nuit des veilleurs

Ku musi wa gatanu w-indwi twaraye tusozeye, niho intumwa ya sentare nkuru ya Ntahangwa, igisata c-iyungururizo yaja gushikiriza Germain Rukuki mw-ibohero rikuru rya Ngozi, urupapuro rumumenyesha ko igihano c-umwaka umwe yakatiwe yakirangije.

Abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n-abahinga muvy-amategeko bariyamiriza ico bita ˮihohoterwa  rikabije ‟ kuko uwabo ubu  Rukuki afunzwe binyuranye n-amategeko. Abasanzwe baburanira Germain Rukuki  bavuga ko bagiye mu biro vy-uwutwara iryo bohoro rya Ngozi Rukuki yaramazemwo imyaka 4 afunzwe gusaba urupapuro rumuha uburenganzira bwo gusohoka ibohero bita ˮbillet d-elargissement‟. Mu gihe uwo nawe yariko yitegura kubaha urwo ruhusha, yaciye abamenyesha ko nawene yahawe itegeko  n-ubugenduzi bukuru bw-amabohero rimubwira ko yoba arabangiriye gusohora mw-ibohero Rukuki.

Tubamenyeshe  ko Sentare y-iyungururizo yari yagize umwere Germain Rukuki ku vyaha bitatu: Kuja mu midugararo igamije gutembagaza ubutegetsi, guhungabanya umutekano w-igihugu  hamwe no gushaka kugirira nabi umukuru w-igihugu. Yamara uwo asanzwe yakorera ishirahamwe ACAT Burundi, yagumanye icaha kimwe mw-ivyo bitatu yagirizwa ubwa mbere, ico naco nico kugarariza, kigahanishwa  umunyororo w-umwaka umwe.

Twobibutsa ko atari ubwambere uwurekurwa n-ubutungane maze mu nyuma akagumizwa  mw-ibohero .Akarorero ka hagufi ni  dosiye yavugishije benshi  y-umukenyezi  Christa Kaneza afungiwe mw-ibohero rikuru rya Mpimba  yagirizwa kuba afisemwo uruhara mw-urupfu rw-umugabo wiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments