Inzara nyishi iravurwa mu mabohero atandukanye yo mu Burundi

0

Kubw-amakuru adushikira avuye mu mabohero atandukanye yo mu gihugu c-uburundi atumenyesha ko hariko hibonekeza ibura ry-ibifungurwa k- urugero rudasanzwe.Burundi : Mandela day - 69 détenus relaxés à la prison de Gitega -  Nouvelles du Burundi - Africa Generation News

Nko mw-ibohero rikuru ryo mu ntara ya Gitega, Abafungwa bo mw-iryo bohero  bamenyesha ko indwi imwe irakwiye ata fu y-ubugari bakubise ijisho. Abo banyororo bamenyesha ko bahabwa amagarama 125 y-ibiharage gusa, ngo hari abafungwa baca babifungura vyonyene kukubura inkozo. Bamwe mw-abo banyororo bamenyesha ko ari nkokurara ubusa kuko n-ayo magarama 125 y-ibiharage ari intica ntikize. Ngo hamwe iyo fu y-ubugari itoboneka vuba bwango, hashobora kwaduka vuba ingaruka mbi ku magara yabo.

Mw-iy-imisi ngo hibonekeza abanyororo benshi baguma baryamye kubera inzara, ndetse ngo  bamwe bo mw-iryo bohero bahitamwo kugurisha impuzu bambaye hamwe n-ibirato kugira bashobore kuronka ico bashira ku munwa mu kurondera udufaranga tubafasha mu kuza baratuma hanze  ifu y-ubugari  baza barakoza na vya biharage baza barafungura vyonyene. Ikindi, ngo hari n-abandi banyororo baca baza baraja gukorera bagenzi babo bifise mu nyuma bagahabwa ico barara bashize ku munwa. Abo banyororo bo mw-iyo ntara ya Gitega barongera bakavuga ko bigoye bikiriko kuko batemerewe kugemurirwa bitewe n-ikiza ca Covid-19.

Iryo bura ry-ibifungurwa riribonekeza no muyandi mabohero y-uburundi aho ngo abanyororo bashobora kumara imisi ibiri bataronka ifu , irinze naho iboneka ngo ugasanga nti nkeyi cane. Amakuru aturuka mu barongoye amwe mw-ayo mabohero amenyesha ko iryo kena ry-ibifungurwa vy-abanyororo ririko riva ku madeni y-umurengera Leta iheraniye bamwe mu badandaza bahora bazana ivyo bifungurwa mw-ayo mabohero.