UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Leta y-uburundi iranegurwa ku gacerere irimwo inyuma y-umutego w-abitwaje ibirwanisho.

Inyuma yaho mw-ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu hakorewe umutego w-abitwaje ibirwanisho kw-ibarabara ry-igihugu rya mbere RN1 muri komine Rutegama ukaka ubuzima bw-abantu bagera hafi kuri 20 hamwe n-abakomeretse cane , Abatari bake bahaye bibaza vyinshi bafatiye ku gacerere Leta Y-uburundi irimwo inyuma y-ico gitero cakoze biboneka ko cari gikomeye.IWACU Burundi (@iwacuinfo) | Twitter

Bamwe mubo twaganiye kuri uwu wa mbere, batubwiyeko ko Leta ikicumva irya nkuru y-umubabaro yari guca yihutira kumenyesha abarundi n-amakungu kubihejeje kuyishikira ndetse ikanasohora itangazo ryo guhoza no kuremesha ababuriye ababo mw-uwo mutego wabereye muri komine Rutegama. Icabatangaje ngo ni itangazo ry-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu aho bwamenyesheje mu majambo magufi ata muco ukwiye utanzwe ko ari ˮibikorwa vy-iterabwoba  vyakozwe vyaka ubuzima bw-abantu hamwe n-abakomeretse bari mu miduga yo kwiyunguruza‟

Kubw-umushingwamanza Gustave Niyonzima asanzwe ari mu runani rw-abashingwamanza baburanira imiryango yabuze ababo ku vyaha bihanwa na sentare mpuzamakungu CPI, amenyesha ko umukuru w-igihugu c-uburundi yarakwiye gufata iyambere mu kugira ico ashikirije cohumuriza abanyagihugu bariko barahasiga ubuzima. Ikindi kivurwa n-uwo mushingwamanza, ngo n-uko atakintu kiboneka kiriko kirakorwa na Leta y-uburundi kugira ihagarike ibitero bimaze imisi bihekura abarundi ataco bariko barazira ndetse inafate abo bariko babikora ibereke abarundi n-amakungu hakuguma haba ifatwa ry-abo bose baba biketswe aho uza kusanga bari mubatavuga rumwe n-ubutegetsi  nk-abanywanyi b-umugambwe CNL, abakukuruke bahoze mu gisirikare ca kera bita aba EX-FAB hamwe n-urwaruka rwo m-ubwoko bw-abatutsi. Gustave Niyonzima abona ko Leta y-uburundi itarajwe ishinga na gato n-ikibazo c-umutekano muke umaze imisi uhungabana mu burere butandukanye bw-igihugu c-uburundi.

Urunani CFORARUSHA ,ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Leta y-uburundi rworwo rumenyesha ko Leta itosubira kuza irarimba  ko umutekano ari ntangere mu gihugu mu gihe abantu baguma babandanya kwicwa, hama ubutungane ntibuheze ngo bukore nk-uko vyabwirizwa. Kubwa Frederic Bamvuginyumvira arongoye urwo runani, aranegura kandi  Leta y-uburundi k-ukuntu iguma yibereye mu gacerere nta ngere ndetse ntishobore kwerekana abo bamaze imisi bakora ivyo bitero ku banyagihugu  b-uburundi biboneka ko ataco bariko bazira. Ahubwo k-ubw-uwo yigeze kuba icegera c-umukuru w-igihugu abona ko abariko bakora ivyo bitero atari abaroberi nk-uko bamwe bovyibaza ko ahubwo biboneka ko ari abantu boba bari muri Leta bahawe ibirwanisho ndetse bashigikiwe na bamwe mu bihangange vyo mu gisirikare no mu gipolisi gusa imvo iriko ibibatuma niyo yoba itaramenyekana. Kubw-uwo munyepolitike abandanya avuga ko ata muroberi yoronka aho amenera ngo ni mu gihe hose mu gihugu huzuye ibirindiro vy-abasirikare, abapolisi hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure ruguma rura rurakizura amajoro yose.

Tubamenyeshe ko ibitero bitari bike bimaze imisi bikorwa mu ntara za Muramvya, Mwaro na Bujumbura-Mairie aho ababikora  nubu ntibaramenyekana ndetse nta n-umurwi n-umwe uravyiyitirira. Intara ya Muramvya ikaba ariyo imaze gukorwamwo ibitero bibiri aho  vyose bifise ico bihuriyeko: gutega umutego ku miduga irimwo ingenzi ,abari mw-iyo miduga bamwe bakicwa bayituririwemwo kandi ntihagire na kimwe gisahurwa n-abo baba bahejeje gukora  iyo mitego.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments