UBM News ads
Wednesday, February 21, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ubutare bwa Nickel bw-i Musongati bugiye kwimbwa nishirahamwe East African Projects Group.

Kuri uyu wa mbere, umushikiranganji ajejwe ubutare n-agataka (ari nawe yaserukiye Leta ) hamwe n-uwurongoye ishirahamwe «East African Projects Group» niho batera umukono ku masezerano yo kwimba ubutare bwa Nickel buri i Musongati, mu ntara ya Rutana.Image

Nkuko biri mw-ayo masezerano, iryo shirahamwe rikaba ryemeye kuzoza rirariha uburundi  buri mwaka amahera angana n-umumiriyaridi umwe n-igice w-amadorare y-abanyamerika, ni ukuvuga imiriyaridi 15 y-amadorare y-abanyamerika  mu kiringo c-imyaka cumi bumvikanye.

East African Projects Group ikaba yemeye kandi kuriha mu mezi abiri ari imbere amahera y-ikiringo ca mbere  mw-ibanki nkuru y-igihugu BRB.  Ayo mafaranga akazoba ari ingwati yemeza ko iryo shirahamwe rishoboye  gukora ivyo bikorwa vyo gucukura ubwo butare bwa Nickel.

Tubibutse ko ishirahamwe BMM ryari ryahawe isoko ryo gucukura ubwo butare , ryahavuye riryakwa ku kubera ko Leta yamenyesheje ko ata nyungu yigeze ibona mw-icukukurwa ry-ubwo butare .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments