Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye arizeza Ekleziya Katolika ko ukuri k-urupfu rwuwari intumwa ya Papa mu Burundi , Musenyeri Michael Courtney gushobora kumenyekana mu mwaka uza wa 2023 inyuma y-imyaka 20 izoba iheze agandaguwe. Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatatu igihe yaratahutse avuye mu rugendo yari yagize i Vatikano ku cicaro gikuru ca Papa.
Perezida Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko iyo dosiye izokwirwa n-umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, CVR. Varisito Ndayishimiye ati :«Baranatubaza bati none ko ivyago vyashikiye uburundi vyashikiye na Ekleziya katolika mu Burundi kuko muraziko vyahitanye uwuserukira papa hano mu gihugu cacu , baratubaza bati none mu matohoza mubigejeje hehe? Baratubwira ko nabo bipfuza ko isabukuru y-imyaka 20 iheze agandaguwe yuko boba bamenye imiryango irabaza ivyayo ukwo vyagenze n-ababikoze , rero twese turaboneraho ico gihe uburongozi bw-igihugu ntibwari bufise ubushobozi bukwiye bwo kugira amatohoza akwiye kuko murabizi ko twari mu bihe vy-amagume aho umwumwe wese yata umwikomo k-uwundi, none rero yuko uwo murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira ku bintu vyose bitagiriwe amatohoza muri iyo myaka, vyose bazobigirira amatohoza»
Tubibutse ko Musenyeri Michael Courtney yagandaguriwe muri Zone Minago , komine n-intara ya Rumonge hari kuwa 29 Kigarama 2003. Akaba yaravuye mu birori vyogushingura umupatiri yaraheruka kurenguka i bukama. Niko guca umuduga yararimwo urwa mu mutego w-abantu bitwaje ibirwanisho maze baramurasa aja gucikanira muri bimwe mu bitaro bikuru vyo mu gisagara ca Bujumbura. Leta yari ihari ico gihe yagirije umuhari warwana ico gihe FNL ko ariwo wakoze ico gitero.
Recent Comments