UBM News ads
Wednesday, February 21, 2024
No menu items!
UBM News ads

Daniel-Gélase Ndabirabe ahamagarira abarundi kubungabunga abapfumu kuko batica ahubwo bakiza.

Igihe yariko agirana ikiyago n-abarongoye  amakoperative yo mu ntara ya Kayanza kuwa 16 Ntwarante 2022, Umukuru w-nama nshingamateka y-uburundi, Daniel-Gelase Ndabirabe ahamagarira abarundi kubungabunga abapfumu mugabo atari abo yita «Abangushi» kuko bagira akamaro kadasanzwe, aho kwica nyabuna bagakiza.Image

Gélase Ndabirabe ati :«…murababungabunga mugabo atari abangushi, abapfumu atari abangushi!  Murababungabunga kuko bagira akamaro kandi barakiza!  Nta mupfumu nya mupfumu  yica kirazira!  Muzi impamvu?  Umupfumu  ni uko akoresha ama esprit , imizimu myiza!  Ama esprit meza! »

Abatari bake bakaba banegura amajambo amaze imisi ashikirizwa n-uwo mwubahwa arongoye inama nshingamateka y-uurundi , Umwe mu banyagihugu atashimye kwivuga izina aba muri Zone ya Kinama, mu gisagara ca Bujumbura  ati :«Uyu

mutama wacu adusaziye nabi nukuri kuko ibintu avuga uyoberwa ko biriko bivurwa n-umuntu akomeye neza mutwe  canke n-umunyacubahiro atwara urwego nka ruriya» ubuheruka igihe yari mu ntara ya Kayanza nyene yatangaje ko bamwe mu bahora bunguruza abantu bakoresheje amakinga , ama Tuk-Tuk n-amapikipiki hagati mu gisagara ca Bujumbura boba bava i kuzimu bakaza guteza amasanganya kugira baronke amaraso menshi y-abantu batwara aho yise i «kuzimu». Ntiyagarukirije ngaho gusa, yarasuzuguye cane abasanzwe bacururiza mu mazu mato mato  bita «boutique» ko badashobora kutera imbere ko nyabuna bonyaragasa bakaheba urwo rudandazwa maze bakijukira uburimyi bw-ibiraya.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments