Leta y-uburundi n-iya Tanzaniya zateye umukono kuri uyu w-Imana i Kigoma ku masezerano y-intangamarara yo gutangura kwubaka ibarabara ry-indarayi Uvinza-Musongati rizoshika i Gitega.
Mw-ayo masezerano yateweko umukono, Leta y-uburundi yari yaserukiwe n-intumwa zari zirongowe n-umushikiranganji ajejwe inyubako Deogratias Nsanganiyumwami arikumwe n-uw-ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo. Ku ruhande rwa Tanzaniya, habonetse Makame Mbarawa, umushikiranganji ajejwe ivy-inyubako hamwe no gutwara abantu n-ibintu .
Makame Mbarawa yamenyesheje ko iryo barabara ry-indarayi rizoba rifise uburebure bw-ibirometero 282 kandi rizohabwa vuba uwatsindiye isoko yo kuryubaka. Kubw-uwo mushikiranganji, iryo barabara rizokwubakwa mu bice bibiri: igice ca mbere kizova Uvinza gushika Maragasi mu gihugu ca Tanzaniya azoba ari ku birometero 156 hamwe na Maragasi –Musongati-Gitega, aho azoba ari ku birometero 126.
Uwo mushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe ivy-inyubako yongeye amenyesha ko iryo barabara rizogirira akamaro ibihugu vyose mu gutanga akazi hamwe no ku bijanye n-urudandazwa , ibizotuma amikoro y-abanyagihugu bo mw-ivyo bihugu bibiri yisununura.





Recent Comments