UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ubuserukizi bw’uburundi muri Afrika y’epfo buremeza ko abarundi baba mw’ico gihugu bariko bahura n’ivyago bitandukanye.

Mu rwandiko rwateweko umukono kuwa 24 Gitugutu 2023 na Alexis Bukuru asanzwe aserukira uburundi mu gihugu ca Afrika y’epfo, aremeza ko abarundi baba mw’ico gihugu bahura n’ivyago bitandukanye.

Mw’urwo rwandiko, Ubuserukizi bw’uburundi muri Afrika y’epfo bumenyesha ko igitigiri c’abarundi bapfungirwa mu mabohero ya Afrika y’epfo gitera kiduga. Muri abo bapfungwa, Ubwo buserukizi busigura ko hari abagirizwa kuba mw’ico gihugu batabifitiye uburenganzira ndetse no kuba bafatirwa ku bibuga vy’indege bagomba kwitahira mu gihugu c’amavukiro.

Ikindi ubwo buserukizi buvuga n’uko hari abarundi bapfungwa bagirizwa izindi nyifato mbi zijanye n’ubusuma, gufata ku nguvu abigeme n’ibindi. Ubwo buserukizi buravuga kandi ikibazo kijanye n’impfu z’abarundi bapfira mu masanganya yo mw’ibarabara.

Ambasaderi Alexis Bukuru aserukira uburundi muri Afrika y’epfo atera akamo abarundi bose kwirinda kurwa muri ivyo vyago hamwe rero no kumenya neza amategeko y’inzira kubasanzwe banyonga imiduga n’amapikipiki.

Ubwo buserukizi burangiza busaba abarundi baserukira abandi muri Afrika y’epfo kuburungikira urutonde rw’abarundi bazi eka ndetse n’aboba batariyandikisha bakihutira kwiyandikisha ku babarongoye mu ntumbero yo guha ubufasha abo barundi bidatwaye umwanya igihe baba baje kwitura ubwo buserukizi bari mw’ivyo bihe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments