UBM News ads UBM News ads
Wednesday, April 17, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gélase Ndabirabe abona ko ingorane nyamukuru zituma uburundi butava aho buri ari ubunebwe buri mu barundi hamwe no gushira imbere abantu batabishoboye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuri uyu wa gatatu igihe umushikiranganji w’ikigega ca Leta yararamutse ashikiriza abashingamateka icegeranyo kijanye n’ingene amafaranga yakoreshejwe muri Leta mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2022 ushira uwa 2023. Bikaba vyaragaragaye ko hari ibitagenze neza, ari navyo vyatumye umukuru w’inama nshingamateka akarira indongozi hamwe na bamwe mu bakozi badakora.

Kubwa Daniel-Gélase Ndabirabe, ingorane nyamukuru zituma uburundi butava aho burin go ni ubunebwe hamwe no gushira imbere abantu batabishoboye. Yagize ati:« bamwe mu bakozi bishinga kwicara mu biro barya imirete bakanywa n’ivyayi. Abandi nabo bagahanyagura ibitumbura binini binini. Ugasanga barekuza inda, ibikanu,… hariho n’abajana Imbabura ku kazi».

Yabandanije yongerako ati :«hari n’uwo usanga yicaye mu biro afise urucupa rw’isoda, uwundi urw’ikiyeri, afise n’umurete».

Kubw’uwo arongoye inama nshingamateka, ngo biragoye ko igihugu c’uburundi gitera imbere ibintu bikicifashe gutyo. Ashimangira ko hari n’aho basigaye batanga ubuzi bataravye ubumenyi canke ubushobozi. «gutanga akazi bizera abatari bo. Hariho n’abiba ama diporome, abandi bakarya ruswa» Niko yavuze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments