UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ubumwe bwa buraya bwongereje ikiringo c’umwaka ibihano vyafatiwe Joseph Mathias Niyonzima batazira ‘Kazungu’.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuryango w’ubumwe bwa buraya waraye wongereje umwaka umwe ku kiringo c’ibihano vyafatiwe umukozi w’iperereza ry’uburundi Joseph Mathias Niyonzima batazira ‘Kazungu’. Gushika kuwa 31 gitugutu 2024, ntiyemerewe guhonyoza ikirenge mu bihugu vy’ubumwe bwa buraya hamwe no kugira amafaranga mu banki y’abo.Uwo mukozi w’iperereza akaba yagirizwa n’ubumwe bwa buraya kuba intambamyi y’inyishu ya politike mu Burundi mu gukora amabi atandukanye kuva mu 2015 hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza.

Tubamenyeshe ko mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze wa 2022, Ubumwe bwa buraya bwarakuyeko ibihano bwari bwafatiye abandi barundi batatu barikumwe ku rutonde rumwe na Joseph Mathias Niyonzima. Abo n’abo ni :Gervais Ndirakobuca asanzwe iki gihe ari umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi, Godefroid Bizimana asanzwe iki gihe ari mu bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi ariwe Léonard Ngendakumana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments