Felix Tshisekedi yamenyesheje ko azokorana umubonano na Evariste Ndayishimiye

0

Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo,Felix Tshisekedi, yamenyesheje ko azokorana umubonano na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Ivyo akaba yabibwiye inama nshikiranganji yiwe ku wa 4 Nyakanga 2020.

Nk’uko ikinyamakuru co muri Kongo kibishira ahabona, uwo mubonanano hagati ya Felix Tshisekedi uzobera mu ntara ya Goma mu burengero bushira uburaruko bw’Uburundi.

Tshisekedi yamenyesheje ko azoba ari kumwe n’abakuru b’ibibugu vya Uganda, Museveni, Urwanda ari we Paul Kagame na Angola.

Iyo nama ikazokwiga ibijanye no kubungabunga amahoro hagati y’ibi bihugu usanga vyiganjemwo imirwi usanga yama yahungabanije umutekano muri ibi bihugu uko ari bine.

Bikazoca kandi bituma umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evaritse Ndayishimiye ari irya mbere azoba asohotse hanze y’igihugu c’Uburundi kuva agiye mu mabanga yo kuyobora igihugu.

Mukibuka kandi ko umukuru w’igihugu aheruka gutumirwa n’abatategsi batandukanye b’isi ko yoza aritaba inama mpuzamakungu.