UBM News ads

Abanyeshure barenga ibihumbi 70 nibo bahevye amashure mu gice ca mbere c’umwaka wa 2022/2023.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyeshure barenga ibihumbi 70 nibo bahevye amashure mu ntara zitandukanye z’uburundi mu gice ca mbere c’umwaka wa 2022 ushira uwa 2023. Ivyo vyoba vyaturutse ku bukene n’inzara vyugarije imiryango

Intara zitandatu ziza kw’isonga abana bahevye amashure nkuko tubisanga mu biharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’indero ni :kirundo na Ngozi aho intara imwimwe ifise abanyeshure barenga 7000. Rutana, Cibitoke, Kayanza na Muyinga ku bana barenga 5000 kuri buri intara yose. Muri izo ntara zose nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Burundi Eco co kuwa 24 Ntwarante 2023, ngo abana bata ishure ni abava mu miryango ikenye , abaheba kubera ukuyoberwa kw’ishure, indwara hatibagiwe rero n’abigeme baba basamye imbanyi batipfuza.

Intara za Karuzi, Mwaro na Bururi ziza ubwanyuma ku bitigiri biri hagati ya 1400 n’1950 vy’abana bataye intebe y’ishure. Ivyo rero ngo bikaba vyibonekeza neza cane mu mashure shingiro kurusha ay’inyuma y’ishure shingiro .

Amatohoza yakozwe n’ikigo ca Leta kijejwe kwegeranya ibitigiri ISTEEBU cerekana ko Intara nka Kirundo, Ngozi, Muyinga na Rutana ziza imbere mu zifise abanyagihugu bugarijwe n’ubukene haba mu miryango muri rusangi canke umuntu ku giti ciwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments