UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

‘Uburundi ntibukeneye abantu bize kaminuza, bukeneye abize imyuga ‘-Bivurwa na Reveriyano Ndikuriyo arongoye CNDD-FDD.

Igihugu c’uburundi ngo ntigikeneye abantu bize kaminuza ahubwo gikeneye abize amashure y’imyuga.Bishikirizwa na Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Kuri we abona ko abize amashure menshi ataco bimariye kandi ataco barigera bamarira igihugu. Agahamagarira kurwiza mu gihugu amashure y’imyuga gusa. Ndikuriyo yabishikirije ku musi wa kabiri mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru .

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yagize ati:« Igihugu c’uburundi ntigikeneye abantu bize za kaminuza. Gikenye abize imyuga, abize amashure menshi ntaco bamariye igihugu, nta n’ico bazokwigera bamarira igihugu. Ndahamagarira abantu kurwiza amashure y’imyuga gusa».

Bamwe n’abandi bakorera mu gisata c’indero babona ko Reveriyano Ndikuriyo yiyibagije ibihanze ico gisata. Bagatanga akarorero k’amashuri shingiro aho yugarijwe n’ubukene bw’ibikoresho vya nkenerwa hamwe n’inyigisho z’akanovera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments