UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Haravurwa umugambi wo kugandagura uwurongoye FOMI maze bikitirirwa igihugu c’urwanda (Radiyo RPA).

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Haravurwa umugambi wo kugandagura umurwizatunga Adrien Ntigacika batazira ‘Ziranotse’ arongoye ishirahamwe FOMI maze urupfu rwiwe rukagirizwa inzego z’igihugu c’urwanda. Uwo mugambi ngo ukaba utegekanywa gushirwa mu ngiro bitarenze mw’uku kwezi kwa Nzero 2024. Bikaba bishikirizwa n’iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPA. RPA ikavuga ko uwo mugambi ugayitse uriko utegurwa n’uwundi murwizatunga yitwa Vénérant Kazohera. Iyo radiyo ikamenyesha ko Kazohera co kimwe n’abandi barikumwe bashaka gushinga irindi shirahamwe rihingura umwavu w’ikizungu maze bigize inyuma FOMI.

RPA ivuga ko hagati y’imisi mikuru ya Noweli n’umwaka mushasha wa 2024, Umurwizatunga Vénérant Kazohera azwi nka somambike wa Perezida Ndayishimiye, yabwiye abantu ko vyanka bikunda uwurongoye uruganda FOMI Adrien Ntigacika batazira ‘Ziranotse’ ategerezwa kwicwa bitarenze uku kwezi kwa Nzero 2024. Amakuru RPA yakuye mu begereye Umurwizatunga Kazohera, ngo imvo nyamukuru yoba ari urudandazwa rw’ifumbire kubera uwo V.Kazohera n’uwundi murwizatunga yitwa Olivier Suguru bariko bubaka urundi ruganda rw’ifumbire ruri mu ntara ya Gitega. Kubera ko bivurwa ko Perezida Ndayishimiye afisemwo imitahe muri urwo ruganda rushasha ruriko rurubakwa i Gitega, V.Kazohera avuga ko Perezida Ndayishimiye ashigikiye uyo mugambi wo kugandagura uwutwara ishirahamwe FOMI risanzwe rihingura umwavu w’ikizungu mu Burundi co kimwe no mu bihugu vy’akarere nka Tanzaniya.

Radiyo RPA ivuga ko igitangaje kandi giteye amakenga , ni ukuntu uwo Vénérant Kazohera avuga ko vyateguwe ko igandagurwa rya Ziranotse ritegekanijwe kwagirizwa igihugu kibanyi c’urwanda aho bazovuga ko yagandaguwe n’abantu b’abanya Rwanda. Ivyo bikaba bije inyuma y’ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aho aherutse kwagiriza Urwanda ko rushigikiye imirwi y’abahungabanya umutekano mu gihugu c’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments