UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ligue ITEKA iratera ivyatsi amajambo ya Perezida Ndayishimiye ahamagarira kwicisha amabuye abaryamana basangiye ibitsina.

Ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi riratera ivyatsi amajambo aheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye ahamagarira kwicisha amabuye abahuza ibitsina babisangiye mu Burundi.Mu rwandiko iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa gatatu, rivuga ko ivyo Perezida Ndayishimiye yavuze ari ihonyangwa ridasanzwe ry’uburenganzira bwo kubaho bwa kiremwa muntu.

Urwandiko iryo shirahamwe Ligue ITEKA ryasohoye kuri uyu wa 3 Nzero 2024,rivuga ko ryababajwe cane n’amajambo Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ahamagarira abantu kwicisha amabuye abahuza ibitsina babisangiye abo bita aba ‘homosexuels’ mu rurimi rw’igifaransa hari kuwa 29 Kigarama 2023 aho Perezida Ndayishimiye yariko avuga ku bintu bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru. Iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, rimenyesha ko ayo majambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu ari ayo gushira mu kaga ubuzima bw’abo bahuza ibitsina babisangiye, bigahonyanga agateka ka zina muntu kajanye n’uko umuntu wese akwiriye kubaho, ibisa no guhonyanga nkana ibwirizwa shingiro ry’uburundi.

Ligue ITEKA risaba abategetsi b’uburundi gukora ico bajejwe mu gukingira abanyagihugu. Iryo shirahamwe riributsa ko ayo majambo ya Perezida Ndayishimiye yo gutera amabuye abahuza ibitsina babisangiye bivuzwe mu gihe mu Burundi hasanzwe hari akaranda ko kwihanira hamwe no kwihorahorana hagati y’abanyagihugu. Ligue ITEKA igatanga uturorero tw’aho mu mwaka wa 2022 bashoboye kumenya imanza 42 z’abantu bihaniraniye nayo mu mwaka wa 2023, abagera kuri 43 barishwe bazira urwikeko.

Ishirahamwe Ligue Iteka rirangiza urwandiko rwaryo ryiyamiriza ryivuye inyuma amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yo kwicwa abahuje ibitsina babisangiye , rikamusaba nyabuna gufata ingingo zikingira agateka ka zina muntu ata nyagupfa ata nyagukira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments