Saturday, January 28, 2023
HomeNewsUburundi nibwo ubu burongoye inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.

Uburundi nibwo ubu burongoye inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.

Umushingamateka w’umurundi Joseph Ntakirutimana yaraye atowe kuri uyu wa kabiri ku majwi 85,7% ngo arongore inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko, EALA. Ayo matora akaba yabereye I Arusha ku cicaro gikuru ca EAC. Igihugu c’uburundi kikaba kuva ubu kirongoye inzego zitatu zikomeye zo mw’uwo muryango arizo :inama y’abakuru b’ibihugu, inama nshingamateka hamwe na sentare itunganiriza abanyagihugu bo muri uwo muryango.

Joseph Ntakarutimana akaba asubiriye umunyarwanda Martin Ngoga yararongoye EALA kuva mu mwaka wa 2017. Ngoga co kimwe n’abandi bahora muri urwo urwego baca basubira mu bihugu vyabo baje bavamwo. Ibihugu indwi bigize uwo muryango bikaba biserukiwe n’abashingamateka 9. Joseph Ntakarutimana akaba yatowe n’abashingamateka 54. Uwo bariko bahiganira ico kibanza wo mu gihugu ca sudani y’Epfo yahavuye akuramwo akarenge maze ashigikira uwo muurundi.

Igihugu c’uburundi kikaba gifise ibibanza bitatu bikomeye muri uwo muryango wa EAC . Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye niwe asanzwe arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vyo mw’uwo muryango ukwo ari indwi. Ikindi giti gikomeye ni ic’umurundi Nestor Kayobera nawe akaba arongoye sentare ya Afrika y’ubuseruko, EAJC.

Must Read

“ko wabuze ico ukora reka tukuyoze birya bicafu ube urakora ivyo”...

0
Abashomeri baja hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco baba bariko barahakorera bagiye kubahagurukira . Bivurwa n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca aho agirako atomora mu...