Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomePoliticsAlain-Guillaume Bunyoni yatswe abamucungera umutekano hamwe n’imiduga y’akazi yahorana.

Alain-Guillaume Bunyoni yatswe abamucungera umutekano hamwe n’imiduga y’akazi yahorana.

Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, havyutse hibonekeza abakozi bo mw’iperereza n’ abapolisi batari bake hamwe n’abasirikare bakeyi ku rugo rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni rusanzwe ruri muri Karitiye ya Gasekebuye, zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava mwa bamwe bari mu nzego z’umutekano amenyesha ko abapolisi n’abasirikare bahora bacungera umutekano Bunyoni bahavuye bategekwa gusubira ku birindiro vyabo bahoramwo kera ndetse na zimwe mu modokari z’akazi yahorana akaba yazatswe. Ayandi makuru ariko akemeza ko yoba yasigaranywe abapolisi bakeyi cane bamucungera umutekano.

Amakuru ava mwa bamwe mu babanyi ba Alain-Guillaume Bunyoni yemeza ko utuzu twahora tubamwo abo bajejwe umutekano co kimwe n’amabariyeri yose yahora akingira urugo rwiwe vyose vyasambuwe.
Umwe mu ntwazangabo mu gipolisi atashimye kwivuga izina ku mvo z’umutekano wiwe, amenyesha ko kuba Bunyoni yatswe abahora bamucungera ubuzima hamwe n’imiduga yari yahawe na Leta, nuko hari amakuru avuga ko ashobora gutabwa muri yompi umwanya n’umwanya kubera ″amakosa akomeye″ yagirizwa n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye.
Abandi mu banyamugambwe bo muri CNDD-FDD ari nawo Bunyoni aturukamwo , bemeza ko ivyabaye uno musi ku rugo rwa Alain-Guillaume Bunyoni , ari mu ntumbero yo kumusuzugura imbere y’ishengero ryahora rimwubaha ndetse rinamutinya cane.

Jenerali Alain-Guillaume Bunyoni yakuwe mu kwezi kwa Nyakanga mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere bikozwe n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye . Naho bitavuzwe ku mugaragaro ico Bunyoni ahowe, Perezida Ndayishimiye yaramaze ico gihe batumvikana nawe ndetse anamwagiriza ko yarafise umugambi wo ku mukuhirika ku butegetsi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments