Inyuma ya Leta Zunze ubumwe za Amerika, Ububirigi, Ubufaransa, ubudagi, n’igihugu ca Espagne casohoye itangazo aho gisaba igihugu c’urwanda guhagarika gufasha umuhari M23 Umaze igihe uriko utana mu mitwe n’igisirikare ca Leta mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Urwanda narwo rukaba rwamirira kure kw’ivyo vyagiriji vyose rurerwa , ruvuga ko ari ibinyoma ko kandi kubikomeza bituma haba ugusamaza ku mvo nyamukuru y’umutekano muke urangwa muri Congo.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu, Igihugu ca Espagne gishima ingingo y’inama nkuru y’umutekano ya ONU yaraye ifashe yo gukurako ibihano Congo bijanye no kutemererwa kugura hanze ibirwanisho ndetse congera gisaba igihugu c’urwanda guhagarika gufasha umuhari M23 . Espagne isaba kandi imihari yose irwanira muri Congo guhagarika ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi biguma biteza amarushwa mu banyecongo.
Kuri uyu wa kabiri, Ubushikiranganji bw’ubufaransa bujejwe imigenderanire bwarasohoye itangazo ryiyamiriza igihugu c’urwanda kuba gishigikiye umuhari M23. Mu rugendo umushikiranganji ajejwe iterambere w’ubufaransa yagize muri Congo , yaragabishije ko umuhari M23 utegerezwa guhagarika kurwana ukava mu bice wigaruriye.
Kuri uyu wa kabiri nyene, Umuyobozi ajejwe akarere ka Afrika yo musi ya Sahara , mu bushikiranganji bw’ubudagi bujejwe imigenderanire , Christoph Retzlaff yatangaje ko urwanda rwotegerezwa guhagarika bidatevye gufasha umuhari M23 maze bugatanga intererano bidatevye yabwo mu gutorera inyishu ibibazo bikomeye vy’umutekano muke uri muri Congo.
Icegeranyo c’abahinga ba ONU mu ntango z’uy’umwaka wa 2022 catangaje ko iryo shirahamwe rifise ibimenyetso bikomeye ko ingabo z’urwanda zifasha abarwanyi b’umuhari M23. Leta Zunze ubumwe za Amerika zasavye icese urwanda guhagarika gufasha uwo muhari.
Mw’itangazo Urwanda rwasohoye kuri uyu wa gatatu, rwamiriye kure ivyagiriji vyose rurerwa , ruvuga ko ari ibinyoma ko kandi kubikomeza bituma haba ugusamaza ku mvo nyamukuru y’umutekano muke urangwa muri Congo.
Recent Comments