UBM News ads

Uburundi na Congo bagiye kugira urwego rumwe rwo kurwaniriza hamwe imirwi y-abarwanyi irwanira muri Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inzego z-umutekano za Republika iharanira intwaro rusangi  ya  Congo hamwe n-iz-uburundi zigomba kuja hamwe zigire urwego ruzotunganya ingene imirwi y-abarwanyi harimwo ni iy-abarundi irwanira mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko  ishobore kuranduranwa n-imizi.

Ivyo bikaba vyatangajwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye  igihe yaraganutse kuri uyu wa gatanu avuye mu nama igira cumi y-amahoro n-umutekano yo mu karere yari yabereye mw-ico gihugu nyene ca Congo.

Perezida Ndayishimiye akamenyesha ko bahejeje kwumvinako uwo mugambi wo kurwaniriza hamwe abo barwanyi ko igisigaye ari uko abahinga baca baja hamwe kugira barwanye iyo mirwi Leta y-uburundi yitwa iy-iterabwoba.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments