UBM News ads

OLUCOME ivuga ko Leta yo kwitegurira guhangana n-ingaruka zizoterwa n-ingingo ibuza abunguruza abantu gushika hagati i Bujumbura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ni ingingo igiye gutuma ubukene bwiyongera mu miryango y-abarundi  bari batunzwe  no kwunguruza abantu  n-ibintu  ku mapikipiki , amakinga hamwe na Bajaj. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME. Ni inyuma yaho ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu  butangaje ko ivyo vyuma bigiye kudasubira  gushika no gukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura. RUFYIRI avuga  kandi ko Leta yo kwitegurira guhangana n-ingaruka zizoterwa n-iyo ngingo ije kwunyura ubukene imiryango itari mike yarisanzwemwo irimwo iki gihe.Image

Gabriel RUFYIRI arerekana inkwirikizi zigiye gukwirikira hamwe iyo ngingo y-umushikirakanji Gervais Ndirakobuca itofutwa.  Uwo arongoye OLUCOME kuri mikoro y-abagenzi bacu ba Radiyo INZAMBA ati :«Murazi ko izo ngendeshwa ziri mu bihumbi n-ibihumbi ziri mu gisagara ca Bujumbura . Tukiyumvira yuko ingaruka mbi zizoba ubwa mbere  nuko iy-imiryango yahora itunzwe n-ako kazi izoca ija mu bukene butagira izina, hama ikigira kabiri, nuko hazoba ingaruka mbi nyishi cane kubijanye n-abaguze ay-ama moto  n-ay-ama Tuk-Tuk kandi benshi ushobora gusanga barafashe amadeni , ivyo rero bishobora kuca bibagora ingene babiriha igihe batazoba bariko barkora. Ica gatatu, nuko aba bahora bakora aka kazi bashobora guca bahindukamwo abasuma kubera batazoba bafise ikintu bakora kandi bizoba ari nk-ibintu bibaguye ko gutyo gusa bataba bigeze bitegurira. Ingaruka mbi yindi nuko Leta nayone izohomba kuko aya ma moto n-ama Tuk-Tuk ari mu bihumbi  ni ukuvuga yuko batariko barakora ntibazokwinjiza amatagisi n-amakori muri Leta, rero, na Leta mu ruhande rumwe izohomba»

Tubibutse ko iyo ngingo yamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu itegekanijwe ko itangura kuja mu ngiro itarike ya 11 Ntwarante 2022 . Ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu bukaba bwasiguye ko yafashwe ku mvo z-umutekano wama uhungabanywa n-amasanganya akorwa n-izo ngendeshwa zigiye  kudasubira gukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments