UBM News ads

Hon.Réverien Ndikuriyo arabandanya akoresha amajambo ahamagarira abantu mu bwicanyi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD , Hon. Réverien Ndikuriyo yaraye asubiriye guhamagarira abantu mu mabi y-ubwicanyi.  Mw-ijambo yavugiye mu ngoro y-uwo mugambwe mu masengesho atunganywa n-uwo mugambwe arangiza ukwezi, yashikirije ko uwo wese yoba ashaka kudurumbanya igihugu ari ukumucisha ku buhomba .Ivyo bamwe n-abandi babona yuko ayo majambo yama yatangajwe n-uwo mutegetsi ateye isoni ko kandi harimwo no kwinjirira inzego z-ubutungane n-iz-umutekano ku kazi kazo.Burundi: Révérien Ndikuriyo, new Secretary General of the CNDD-FDD

Mw-ayo masengesho yariko atunganywa n-uwo mugambwe , Ndikuriyo ati :« … Mugabo uvyonze kabisa bakore! Si bibi ni ugukingira igihugu , igihugu kirakingirwa!  (…) Uje guhungubanya inzego z-umutekano none barakunyarutsa!»

Mu kwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2019, uumunyagihugu wo muri komine Matana, intara ya Bururi  batazira «kaburimbo» yagandaguwe bunyamaswa n-igipolisi kw-itegeko rya Réverien Ndikuriyo ico gihe akaba yararongoye inama nkenguzamateka. Uwo mutegetsi akaba yari yemeye ko uwuzofata uwo munyagihugu canke akazana umutwe wiwe azomuronsa imiriyoni zitanu z-amarundi nk-agashimwe.

Mu mwaka wa 2015, Uwo arongoye umugambwe CNDD-FDD iki gihe, yahamagariye abajejwe umutekano barikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye uwo mugambwe nyene hari muri zone ya Musaga mu bumanuko bw-igisagara ca Bujumbura guhaguruka bagakora mukurwanya abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkuruniza maze ngo baronke ama «parcelles» yo kwubakamwo.

Abatari bake mu barundi bakaba baguma banegura amajambo ashikirizwa n-uwo munyacubahiro kuko kubwabo «ateye isoni». Mu gihe  mu gihugu c-uburundi atacaha co kwica kikihari , babona ko ubutungane ariko kazi kabwo ko gucira imanza uwo wese yo kwagirwa icaha icarico cose hakumucisha ku buhomba nkuko Ndikuriyo yama yabitangaje akatari gake.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments