Ibihugu bibiri vya Afrika bishobora kumena inkingo za covid nubwo bitarumvikana neza na OMS.

0
Sudan y’epfo na Malawi bigiye kumena inkingo za Covid
Minisiteri ijejwe amagara y’abanti ya Sudan y’epfo n’iya Malawi zanse inama zagiriwe n’ishami ry’umuryango w’abibumvye ryita ku magara y’abantu (OMS/WHO) yo kutamena doze z’urukingo rwa Oxford-AstraZeneca rwarangije igihe.
Ibi bihugu vyose vyanse inama ya OMS yo kuba biretse kumena doze 76,000 zose hamwe.
Dr Richard Laku uajejwe guhangana n’ibiza muri Sudan y’epfo, yavuze ko leta ya Sudan y’epfo itazakoresha doze 60,000 z’urwo rukingo kandi ko izozimena.
OMS yari yasavye za leta z’ibihugu kurindira amategeko yayo. OMS ivuga ko inkingo za Covid-19 zishobora gukoreshwa mu gihe c’amezi 36 nyuma y’ikorwa ryazo.
Dr Laku yavuze aho leta ya Sudan y’epfo ihagaze, ati: “Izi doze z’urukingo ntizizokoreshwa, ariko hari igishoboka co kuzimena”.
Wamala Joseph Francis, umukozi wa OMS muri ico gihugu ashinzwe igenzura ry’imiti, yavuze ko hari uburyo busanzwe bukoreshwa na OMS bwo kuganira n’abakora imiti.
Dr Francis ati: “Iyo ibintu nk’ibi bibaye ku kintu c’agaciro gakomeye nk’urukingo rwa Covid, akenshi tuvugana n’uruganda rwarukoze tukaruha ivyo bicuruzwa – kugira ngo rushobore gukora ayandi masuzuma ngo rumenye igihe urukingo rushobora kumara, niba rushobora kongererwa itariki ruzoterako agaciro”.