Iki kintu ni ikintu gikomeye cane kandi gishobora gushika umwanya uwariwo wose!
Leta y’Uburundi turazi neza ko ifise amakuru ko abarwanyi ba Red Tabara bashobora kuba barwanira hamwe na M23,ibi biri mu mpamvu nyamukuru yatumye Uburundi burungika ingabo gufashanya na Congo. Nubwo abantu babivuzeko vyinshi cane,ngo ni amahera bari gukorera. Nubwo ivyo vyamahera vyoba birimwo ariko ahanini ni kwabaye gushaka kuburizamwo umugambi w’urwanda wo gufata Nord Kivu.

Nord Kivu uvuze iki ku Burundi n’akarere kose muri rusangi?
Aka karere Uburundi buhereyemwo ni akarere kamunzwe n’amacakubiri y’amoko,ni akarere karimwo amoko kandi kagiye gaca mu ntambara zifatiye kuri ayo moko nyene,aha twovuga (Uburundi,Urwanda na Uganda)hagaca hiyongerako n’Igice ca Congo(Nord&Sud Kivu).
Aha ndazi ninjiye muribi vy’amoko hari benshi badashaka ko tubivuga, Aha baca batangura kudufata nk’abantu buzuye amacakubiri kandi atarivyo! Aha mbere haca hazamwo utubazo:
1.Kuberiki abantu badashaka ko ikijanye n’amoko kivurwa kandi twavutse tuvyumva ibindi tukabibona? No munzego za Leta tubona bikurikizwa guhera muri Présidence gushika kuba Nyumbakumi?
2. None dufateko Leta yubakiye ku m’acakubiri?
3. Mbega ubu bikurikizwa nigihe bitakurikizwa ni ryari Leta yari yubakiye ku m’acakubiri ya moko!?
Ibi sivyo twashatse kuvugako uyu musi,ariko ivyo vyose mwumva za Congo nahandi vyenena kuri ayo moko nyene(Ubuhutu n’ubututsi)
Twibandanirize na Topic twariko,ivyo vy’amoko kumbure tuzobivugako hanyuma!
Muti vyukuri Leta dufise uyu musi yoshobora guhangana niyi mirwi ibiri isa niyiriko ikorana?
Aha inyishu notanga ni “Oya”
Muti kubera iki?
1.Ubwambere bwo Leta ihari uyu musi nta nguvu nyinshi yashize mugisirikare,inguvu nyinshi izishira mu gukomeza umugambwe kugira utware imyaka myinshi, ivyo mwese murabibona iyo hageze ko Baja gutabara mu bindi bihugu,bisanga aribo bafise ibikoresho bitagezweho vya gisirikare. Ivyo bafise ubu bikomeye ni Commandes za Bagaza! Ivyo navyo vyari bikomeye kirya gihe nyene si Ubu!
2. Leta dufise uyu musi ifadikanije n’umugambwe ikomokako(Cndd fdd) barirondereye abansi benshi hagati mu Gihugu,biturutse ku gukumira aba n’a bariya! Rero mugihe ufise abansi benshi imbere muri wewe birakugora cane kugira uhangane nuwuvuye hanze!
3. Igisirikare naco ubwaco kirimwo imice myinshi. Ibi mwarabibonye 2015(amoko,imigwi bazananyemwo,agashahara gato,….)
Abantu nkaba rero biragoye kugira bagwanirize umwansi hamwe, ninavyo ubona vyashikiye igisirikare ca Congo.
4Ubukene igihugu kirimwo,nta muntu yoshobora intambara ari mu bukene nkubwo Uburundi burimwo!
4. Abategetsi bikunda gusumba uko bakunda igihugu,Abantu nkaba nta gihugu bokwitangira, Ahubwo baba barakinjura bakihungira(mwarabibonye 2015 ingene benshi bahungishije imiryango yabo muza Buraya).





Recent Comments