Hari benshi bagumye batubaza bashaka kumenya inguvu M23 ifise aho izikura,abaribo nico barwanira!!

M23 rero bagizwe n’abantu batandukanye,harimwo #Ingabo z’urwanda zagumye muri #Congo kuva 1996 bahejeje gukuraho Leta ya #Mobutu #Congo icitwa #Zaïre,harimwo kandi abasore babanya #Mulenge,harimwo kandi naba #Ganda bagumyeyo kuva ico gihe kuko. Kuko #Desire_Kabila yafashijwe cane n’Urwanda na Uganda eka n’uburundi butasigaye inyuma!Ico gihe Uburundi bwatwarwa na #Major_Pierre_Buyoya kugira akureho ubutegetsi bwa #Mobutu.
Kubijanye n’inguvu M23 ifise aho ziva,muvyukuri abatari bake barahazi Canke baravyumva kanatsinda biribonekeza, Ahaza kw’Isonga ni mu #rwanda hanyuma #Uganda mu mpisho #Kenya. Ariko hariho #Boss Nukuri ni #USA_France_Belgium na UK mu mpisho.
Ico M23 barwanira rero ni ikinyegezwa kidasanzwe,ariko kirazwi!
Bo bavugako ari #Abanyamulenge barwanira agateka kabo,kuko #Cingo itabemera ko ari #Abacongomani,ubwo barwana bashaka uburenganzira bwabo! Kandi iyi niturufu itsinda bakoresheje kugira amahanga abatahure,naba #Jeunes benshi bo muri ubwo bwoko babatahure nomeho binjire mu gisirikare ku bwinshi,eka n’umunyamulenge wese aho ari kwisi abafashe kurwana iyo ntambara atanze inguvu ziwe canke uburyo!
Ariko vyukuri intumbero yabo si iyo !
Muriyi Ntambara Urwanda nirwo rufisemwo inyungu nyinshi gusumvya #abanyamulenge!
Inyungu Urwanda rubifisemwo nizi:
1. Kwirukana burundu #FDLR iruhande yimipaka yabo
2. Gukontorora ubutunzi kama buri muri karya gace,no kubuvyaza umusaruro.
3.Kwiyagurira imipaka y’Igihugu.(ntibivuzeko bazoca bakigira ugihugu kimwe Oya,ariko bashaka ko kaba agahugu kigenga kikukiye kava kuri Congo ariko kabe #inkuruyihuta #Under_control y’urwanda).
Ibi vyose rero Urwanda ntirwobishobora atabihugu vy’Ibihangange birushigikiye,ndibaza mwarabonye M23 muri 2012-2013 ingene yakubiswe na #Tanzania bikazana icuka kibi hagati y’Urwanda nico gihugu cari kigitwarwa na #Kikwete,abatapfuye bahungiye mu #Rwanda na #Uganda.
Mu nyuma rero #boss mukuru (USA&EU) yaciye atera igitutu kuri Tanzania kugeza naho bashaka kugiteza ivyago biciye kuri #Malawi.
Nizo mpamvu mubona ubu atagihugu kigenda gutabara #Congo batinya igitsure c’Ivyo bihugu vy’Ibihangange!
N’uburundi kuba bwaragiye nabwo bufise ivyitwazo,ariko kandi nabwo murabinako babushize mu vyago butazovamwo(Ibihano)





Recent Comments