Burya iterambere riva mumutwe si mumajambo!
None abatwara Uburundi uyu musi barafise mumutwe!!???
Dufatire kubagabo 3 gusa b’inkoramutima ku buzima bw’Igihugu:
1.Prezida Evariste Ndayishimiye
2.Daniel Gélase Ndabirabe
3.Martin Niteretse

Aba bagabo uko ari batatu ibibanza barimwo babirimwo kuko babishoboboye canke babirimwo kuko ari abagumyabanga ba CNDD FDD gusa!???
Burya umunyagihugu n’igihugu muri rusangi vy’ubahirwa Abarongozi bavyo !
Ntimubone Kagame ashobora guha gasopo Africa yepfo,canke ikindi gihugu icarico cose kigomvye kumwinjirira muri Mission yiwe,mwibaze ngo vyarizanye,wapi kabisa!
Icubahiro uraciha wewe nyene ubwawe! Hama abandi bakakiguha mu nyuma!
Muribuka igihe Président wacu yise Président wa Tanzania ko ari Se wiwe!??
Ntanahamwe vy’akabaye kurino Si ya Rurema!
Muhora mubona ingene PrĂ©sident wacu yifata imbere yabandi bakuru bibihugu?abicishako bugufi cane akiyerekana we wenyene ubwiwe ko atajunja n’Ijambo banganya! Naho yoba Samia kandi ari umugore ahakwa kumufukamira!
Ibi vyose vyerekana ukutiyemera mukibanza arimwo! Muri make si iciwe!!
Ejo bundi mwarumvise agasuzuguro PrĂ©sident Museveni yasuzuguye Uburundi,Oya kwanza yasuzuguye abatware bariho uno musi mu Burundi, yagize ati: ” Uburundi bwari bwiza kuri Bagaza,ico gihe yariko araza mwiterambere ridasanzwe, amahinguriro yari menshi”.
Yongerako ati: “Narabujije abagize umuryango wa EAC ko bakura Uburundi muri uwo muryango kuko ni Umu Client wacu,amahinguriro yacu arahingura nabo bakadushorera,tubungukako”
Aya majambo uyumvirije neza yarimwo agasuzuguro kenshi! Ariko kandi ni Ukuri !
Nubwo ari ukuri amajambo nkaya ntiwoyavuga kuri Kagame canke Samia ngo bareke kuyasubiza!
Ariko Abarundi aho bari biyicariye nk’utumarayika bobo bikomeye amashi ngo Museveni ariko abavugira neza? Vya hehe se???
Ariko kandi ndabitahura, muraziko Igihugu c’uburundi gitwarwa n’Abantu batize!?? Abenshi uhereye kuri Kizigenza bize za kaminuza zigenga ari abategetsi! Ubumenyi si ikirenga,nico gituma mubona hari n’Ingingo bafata ugasigara wibaza ko atari Akamogi katumye bazifata!! Kuko harinaho hagera Igihe umuntu akibaza ko itabi banyoye bakiri mw’Ishamba ko ritarahera mumitwe yabo! Noneho namwe ni mufatire gusa ku Majambo PrĂ©sident yavugiye Ingozi mundwi iheze, yagize ati:[” Uburundi nico Gihugu conyene yabonye kw’Isi kitagira ingorane nyinshi” yongerako ati” Abarundi ingorane bafise ni imwe gusa :”Igitoro” Vy’ukuri Umuntu ameze neza mu vyiyumviro, yo kwubahuka kuvuga aya majambo uravye ubuzima Abarundi babayemwo uyu musi!????
Rero abategetsi nkaba bapfa kurandamuka mu kuvuga nta Cubahiro bagira haba mu bihugu vyabo no mumahanga! Eka n’abanyagihugu babo ntacubahiro bagira mumahanga! Nizereko mwese muhora mwumva GĂ©lase Ndabirabe ivyiyumviro vyiwe,mubona akwiranye nintebe arimwo? Ico Gihugu mugitwarwa nabo bagabo bameze ukwo mumitwe ndabarahiye 2060 hazogera abarundi Bose baragwaye amavunja abandi nabo baragihunze kubera ubukene!
Irya Mbono-Kazoza ntishoboka nagato hagitwara Abantu buzuye inzigo,ishari,ubukozi bw’ikibi,ubwicanyi,Ka mwana wa mama,ukwikumirako….!!!
Zirya nguvu bakoresha mu gukumira Agathon Rwasa ngo ntiyitoze zobaye arizo bakoresha mu kwiyumvira ubuzima bw’Igihugu , nuyo Agathon Rwasa nta murundi yo mwiyumviriyeko!!





Recent Comments