UBM News ads

Uburundi bwoba buri mu mahoro yose ko bukuwe kubihugu vyihwezwa mu nama ya ONU

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’imigenderanira n’ayandi makungu, Albert Nshingiro, yamenyesheje kur’uyu wagatanu kumugoroba kuri radio y’igihugu ko Uburundi bwakuwe kurutonde gw’ibihugu bikwirikiranwa kumusi kumusi kuvy’umutekano.

Umushikiranganji Albert Nshingiro akaba yarakwirikaranye cane iyo dosiye mu gihe yaserukira Uburundi mw’ishirahamwe ONU i New York aho hari icicaro c’iryo shirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo kw’isi yose.

Imigenderanire y’Uburundi na ONU ikaba ariyo kuva kera kuva ku ntwaro y’ababirigi, mu kwikukira kw’Uburundi, mu matora yagiye araba m’Uburundi. Ariko amatora yo mumwaka wa 2015 akaba yaratosekaje imigenderanire y’iryo shirahamwe n’Uburundi mu gihe hari impari zikomeye z’ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abaserukira ONU m’uburundi bakaba batorohewe ariko bagumye bakurikirana ingene umutekano n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu vyifashe m’Uburundi kuburyo n’amafaranga y’ibisata vy’iryo shirahamwe avana n’ingene igihugu c’igenza.

Ikaba rero arintabwe mu migenderanire n’Uburundi rigize n’iryo shirahamwe mpuzamakungu aho benshi bibaza ko hashobora kuba ihonyabwoko bivuye mu kurwanya akarenganyo kaba kari mu gihugu. Benshi bakibaza ko ubwicanyi bugiye guhera burundu hagakoreshwa ubutungane hama imigambi yiterambere igakorwa hatanyurujwe amahera yaje gukora ibikorwa vy’iterambere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments