Ishirahamwe rijejwe kurwanya isesagura no kunyonora amatungobya reta OLucome ryaraye rusavye umukuru w’igihugu guhagurukira abanyuruje amafaranga y igihugu.
Mw’itangazo OLUCOME ishira ahabona, iryo shirahamwe rirongowe na Gabriel Rufyiri rivuga ko amafaranga aashika ku miliyoni 600 yanyurujwe biciye mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta burongowe na Domitien Ndihokubwayo.
Olucome ikagaruka ku mafaranga ashika hafi imilyoni 2000 yari yageneewe gufasha abahuye n icago c’imyuzure mu Gatumba mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura ariko bataronse na rumwe ariko bakiba mu mahema.
Umushikiranganji atungwako agatoki cane cane ni Domitien Ndihokubwayo arongoye ikigega ca reta aho asabwa ko yokorwako amatohoza na Ndayishimiye kubera ayo mafaranga yazimiye angana gutyo.
Muri iyi misi ya vuba, umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo akaba ariko yitungisha mu kiringo gito cane.
Aha twovuga nk’ihoteri nziza cane yiswe Belan(musi ya Belan Group). Iyo hoteli ikaba ari iya Domitien Ndihokubwayo nkuko bamww bamww babivuga kandi ikaba yatwaye amafaranga meshi cane kuyubaka no kuyitunganya ukuraho yakaka.
Iyo hotel nyene ikaba yuguruwe icese ejo ku wa 3 Kigarama 2020 n umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye.
https://twitter.com/olucome_burundi/status/1334600559366709260?s=19






Recent Comments