Museveni yoba akwiye umuhuza mu biganiro n’abatavuga rumwe nawe?

0

Ibiriko biraba mu gihugu ca Uganda bituma aba na bariya bibaza ko mu vy’umukuri umukuur w’ico gihugu, Yoweri Kaguta Museveni, yoba nawe akwiye umuhuza mu biganiro n’abatavuga rumwe na we.

Mu myiyamamazo iriko iba muri ico gihugu, akaguma ni kenshi ku buryo uwuza imbere mu batavuga rumwe na reta ariwe Bobi Wine aguma ahagarikwa agasakisaki akongera agahohiterwa no kumubiri.

Mu misi iheza harabaye imiyerekano, eka mbere ibandanya iba hagati y’abashigikiye uwo Bobi Wine n’abajejwe umutekano ku buryo yuko bamwe bamwe bamaze kuhasiga ubuzima barenga 40 mu mishamirano.

Reta ya Museveni ikavuga ko abashigikiye Bobi Wine bazana imigumuko kandi ko bashaka kuzana ingeso z’abanya Burya mu gihugi c’Ubuganda, maza bakagiriza Bobi Wine ko ashigikiwe n’abanayaburaya na Amerika gutyo bakamwiyamiriza nk’uko vyama vyabaye mu bihugu bitari bike muri Afrika aho abatavuga rumwe na reta usanga baca babonwa nabi.

Mwomenya kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu n’ibihugu vya rutura vyatanguye kwotsa igitsure umutama Museveni ko yoreka guhotera abatavuga rumwe na reta yiwe.

Bamwe bamwe barabona ko hatabaye ibiganiro hagati ya Musseveni n’abatavuga rumwe amaraso ashobora guseseka gusumba mu matora mbere n’inyuma y’amatora.

Museveni, uwuzwi ko yagizwe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi aheruka kugira imigeneranire mibi na reta y’Uburundi bivuye kw’ikete yandikiye mugenziwe icio gihe Nkurunziza ryabanje gukwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi imbere yo gushikira inzego za reta y’Uburundi.

Museveni akaba afise imyaka ishika ku 76 akaba ariko arondera gusubira kwitoza iyindi myaska itanu gutwara Ubuganda gushika mu mwakwa 2026.