UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bwiteguriye kuzofasha ibindi bihugu mu myaka iri imbere- Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko igihugu arongoye citeguriye guha ubufasha ibindi
bihugu mu myaka iri imbere hamwe uburundi bwoguma ku murindi wo kurwiza umwimbu hamwe n’iterambere buriko iki gihe.ibi prezida akaba yabivugiye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa gatandatu ku musi mukuru wahariwe abakenyerarugamba,umuhari w’abakenyezi wegamiye umugambwe Cndd-Fdd.


Mw’ijambo ryiwe yashikirije abari bitabiriye ivyo birori,Prezida Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Hamwe twobandanya ku murindi turiko wo kugwiza umwimbu hamwe n’iterambere uburundi bugezeko iki gihe,turiteguriye guha ubufasha ibindi bihugu mu myaka iri imbere.»

Naho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aguma yizeza abarundi ko igihugu kiriko kitera imbere muvy’ubutunzi ,ubutunzi bw’igihugu c’uburundi butera bugera aho umwansi ashaka .Ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro uko bukeye uko bwije.ubu ifaranga ry’abanyamerika bita idorare ririko rivunjwa amafaranga arenga ibihumbi bitanu vy’amarundi(5000)nayo amanya buraya bita ama Euro akaba ariko avunjwa ayarenga ibihumbi bitanu n’amajana atatu(5300),ubukene bw’ibitoro buguma bwisubiriza mu gihugu buguma butuma abarundi bata icizere ku gihugu hamwe rero nuko ibintu biguma bizimba ariko amikoro y’abarundi akaguma ari yayandi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments