UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bose baranezerewe kiretse abemeye kuba abaja b’urwanda-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko abarundi bose buzuye umunezero,abatanezerewe nabo n’abemeye kuba abaja b’igihugu c’urwanda,kubwiwe uwo munezero uva ahanini ku ntambwe uburundi bugezeko aho ata mfashanyo canke ideni bugikeneye.ibi yabishikirije kuri uyu wa gatandatu I Gitega ku musi mukuru wahariwe abakenyerarugamba,umuhari w’abakenyezi wegamiye umugambwe Cndd-Fdd.


Prezida Varisto Ndayishimiye ya gize ati:«ubu hageze aho natwe dutanga,ndabona uburundi butakigurana,butagisaba imfashanyo ahubwo aribwo bufasha abandi ndavye umuvuduko tuvudutseko ubu tugire dutere imbere.birahimbaye kurongora abantu banezerewe abarundi ubu bose baranezerewe umurundi atanezerewe ni wa murundi yemeye kuba umuja w’ubutegetsi bw’igihugu c’urwanda niwe wenyene ubu ajingitwa nico gituma ndabatumye mwebwe barundi mubahamagare muti va hiyo mujingitwa muze muze mu gihugu c’umunezero.mu Burundi n’igihugu c’umunezero,mu Burundi uhashitse uratwenga.mpora ndaba abandika ku mbuga ngurukana bumenyi abarundi bandika bose n’abari mu buja bwa bwa butegetsi bw’igihugu c’urwanda bubigisha yuko baza kwica abarundi bene wabo.nico gituma abarundi ndasubiye kubahamagara ni baze mu gihugu c’umunezero tunezeranwe nabo duteze imbere igihugu cacu gushika aho amakungu azodutangarira.»

Prezida Varisto Ndayishimiye naho atera akamo abarundi kuza mu gihugu c’umunezero,abarundi bari mu bihe bitoroshe aho ku masoko ibiciro biguma biduga,ibitoro bikaba vyasubiye kubura,ubukene bw’isukari,umuyagankuba nawo uguma ucikagurika eka hamwe n’amafaranga y’agaciro yabaye umuzi w’ibuye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments