UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye aributsa abarundi ngo batahure ko uburundi ari umurima wa Edeni

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi yaraye asubiye kwibutsa abarundi ko uburundi ari igihugu c’amata n’ubuki kandi ko uburundi ari umurima wa Edeni gusa shetani yatumye Abarundi bibagira ko uburundi ari umurima wa Edeni. Ibi yabivugiye mu gisabisho co kuri uyu w’Imana twaraye turangije mw’ishengero rya Méthodiste unie ry’I Nyabugogo mu ntara ya Gitega.


Prezida Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Turabandanya kuganira urugendo turikumwe n’Imana,uburundi n’igihugu c’isezerano casezeraniwe Abarundi,igihugu Imana yonyene yibiye akabanga ba Sogokuruza irababwira yuko ari igihugu c’amata n’ubuki.rero n’iyerekwa ridasanzwe Imana yagiriye Abarundi kubona itwitiranya n’igihugu ca Kanani, shetani ntiyashoboye kwemera ko Adamu na Eva banezerererwa uwo murima natwe nico gituma muri kino gihugu twahuye n’ivyago ngo ntitunezerwe, hategereje ko haza Mutima mweranda avugira mu barundi yuko uburundi ari umurima w’Imana twese duca tubona ko Imana ariyo ifise ikibanza ca mbere.kuva iyo ngingo abarundi bayifashe murabona ko igihugu gihinduka buri musi nico kintu ca mbere kitwereka ko iki gihugu ari umurima wa Edeni.»

Prezida Varisto Ndayishimiye yahamagariye kandi abakirisu kuza barasoma ijambo ry’Imana kugira batahure ivyanditswe yagize ati:«Iyo tuvuga ko uburundi ari umurima wa Edeni za murasoma ijambo ry’Imana muzobisangamwo.Imana imaze kwirukana adamu na Eva yaciye izana aba malayika bafise inkota z’umuriro kugira bahakingire.none ko hari kw’isi hari amaja he? Igituma mukekeranya ni kubera iyo wamaze gufatwa na shetani ntusubira kwibuka ivyo urimwo.»

Abarundi batari bake iyo bumvise iyo mvugo ntibahumuriza kubera ubuzima barimwo uyu musi kuko ubuzima butera buzimba cane mu Burundi aho ubu igitoro casubiye kubura,amafaranga y’agaciro akaba umuzi w’ibuye,umuyagankuba ukaguma ucikagurika,ibiciro mu masoko bikaba vyarazimvye cane mu gihe amikoro y’umunyagihugu adahinduka isukari nayo yarabuze rero bamwe bakavuga ko Uburundi ataho bihuriye n’igihugu c’amata n’ubuki canke umurima wa Edeni.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments