Uburundi bwasubiye guserukirwa mu manama mpuzamakungu n’umukuru w’igihugu

0

Mu gihe hari haciye imyaka 5 umukuruw’igihugu c’Uburundi ataja mu mana mubandi bakuru bibihugu, Prezida Ndayishimiye Evariste wewe suko inama arazitaba ukuri kwamye. Akaba yuriye indege kur’uyu wa kane agana mu gihugu ca Gabon mu gisagara ca Libreville aho hariko habera inama igira ya 18 y’abakuru b’ibihugu vy’Afrika yo hagati mw’ishirahamwe ryabo CEEAC. Abakuru b’ibihugu bashika 11 bakaba bitavye iyo nama harimwo umukuru w’igihugu ca RDC na Congo n’Urwanda.

Umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza akaba yakunda kurungika ivyegera vyiwe canke umushikiranganji yiyumvamwo canke umuhanuzi wiwe. Ivyo akaba yabitanguye igihe agiriye ingorane akava m’Uburundi yitavye inama ya EAC mu gihugu ca Tanzaniya haca haba ihirikwa ry’ubutegetsi mu kwezi kwa rusama 2015 mugihe hari imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ciwe ca gatatu. Kuva ico gihe akaba atasubiye gusohoka igihugu.

Prezida Evariste Ndayishimiye yoba afise ubuhinga bwo kuburizamwo za coup d’Etat zazingamitse igihugu c’Uburundi ? Nikuberiki abandi bakuru b’ibihugu bigendera bakitaba amanama atankomanzi ? Ubu bisa naho abarundi basubiye kumenyera ko umukuru w’igihugu c’Uburundi afata ingendo nkuko bisanzwe hatarinze kuba amasanganya canke guhirika ubutegetsi.