Sunday, March 26, 2023
HomeSportsDiego Maradona yaritavye Imana kur’uyu wagatatu

Diego Maradona yaritavye Imana kur’uyu wagatatu

Iyo nkuru ikaba yarakwiye isi yose kumusi wa gatatu, Diego Maradona akaba yarumukinyi rurangiranwa w’urukino rw’umupira w’amaguru. Yavukiye mu gihugu ca Argentine itariki 30 gitugutu 1960 mu ntara ya Buenos Aires.

MEXICO CITY, MEXICO – JUNE 29: Diego Maradona of Argentina holds the World Cup trophy after defeating West Germany 3-2 during the 1986 FIFA World Cup Final match at the Azteca Stadium on June 29, 1986 in Mexico City, Mexico. (Photo by Archivo El Grafico/Getty Images)

Diego Maradona akaba yagiye kumenyekana cane mu myaka ya 1980 na 1990 aho igihugu ciwe Argentine catwaye igikombe c’isi yose mu mwaka wa 1986, inkino zikaba zakiniwe mu gihugu ca Mexique.

Amakorosi yiwe n’ububangutsi bwinshi bikaba vyararyoheye abakunzi b’umupira mbere m’Uburundi hakaba hari abavyeyi baciye bita abana babo iryo zina rya Maradona. Akaba yambara inumero 10 benshi bafata kwari igiharuro gikaze murico gihe kubera ibitsindo yinjiza n’amacenga yakubita.

Munyuma vyaramugoye gato kuko baramupimye mu maraso basanga aranwa urumogi bita cocaine ariko ntivyatumye areka kumenyekana kwisi. Munyuma akaba yahavuye aba umumenyereza w’umurwi Gimnasia La Plata kuva mu mwaka wa 2019 gushika 2020. Akaba yitavye afise imyaka 60.

Must Read