Uburundi Bwashizwe ku Rutonde Rw’Ibihugu Vy’Amikoro Make.

0

Ibanki y’Isi yose hamwe n’Ibanki ya Afrika y’Iterambere BAD, zarashize ahabona ibihugu 19 harimwo n’ Uburundi mu bihugu vy’amikoro make.

Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM avuga ko “Ibihugu vy’Amikoro make bidafise imitahe irama bishobora kwikorako usanga yama yabonetse mu gihugu kugira bishobore kwiteza imbere”.

Banki y’isi yose yarashize igihugu c’Uburundi mu Bihugu vy’amikoro make( fragiles states). Iyo banki y’isi yose ibona ko igihugu ari ic’amikoro make mu gihe ico gihugu kiba kiboneka ko gikwiye gufashwa n’imfashanyo y’amashirahamwe mpuzamakungu.

Ku bwa Faustin Ndikumana, ibihugu vy’amikoro make bifise ingorane nyinshi. “ Ibihugu vy’amikoro make usanga ari ibihugu inzego zavyo usanga zitisunga intwaro nziza hama bikananirwa no gukoresha neza ubutare kama biba bifise. Abanyagihugu bo muri ivyo bihugu vy’amikoro make usanga bafise ingorane zitari nke”.

Ibihugu vy’amikoro make usanga bibayeho ku ngurane gusa ariko ugasanga bidashobora kuriha ayo madeni.Amasezerano y’I paris mu gihugu c’Ubufaransa akaba amenyesha ko hashirwaho imigambi yo gufasha mu vy’Ubutunzi ibihugu vy’amikoro make. Ndikumana Faustin akaba asaba abarongoye igihugu c’Uburundi gutsimbataza intwaro nziza kugira bishobore kuva ku rutonde rw’ibibhugu vy’amikoro make.