Imbonerakure Zibiri Zagirizwa Amabi Ku Musaga Zaranyurujwe.

0

Urwaruka rw’imbomerakure zibiri rwo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD rwo muri zone ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura baburiwe irengero ryabo haraheze amayinga abiri. Imiryango y’iyo misore ibiri y’imbonerakure ikaba yaraciye mu busho bwose bwo mu gisagara ca Bujumbura kugira barabe ko boba bafunzwe, ariko ntacavuyemwo. Nkuko isoko ry’iyi nkuru ribimenyesha, izo mbonerakure zibiri zikababarizo zagirizwa urupfu rw’izindi mbonerakure zitatu muri iyo zone nyene ya Musaga mu kwezi turangije kwa Rusama.

Izo mbonerakure zibiri zaburiwe irengero ryazo ni Aime Arakaza yatazirirwa Musaga hamwe na Eddie Nduwimana. Abo banywanyi babiri b’umuhari w’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi zirazwi cane nababa ku Musaga ku bw’amabi zikora, ku guhohotera abandi kuva hatangutye intureka zavuye ku kindi kiringo ca Pierre Nkurunziza.

Nkuko bibandanya bitangazwa, ku musi wa kane uheze, niho vyatangura kuvugwa ko bahagaritswe imbere yuko abo mu miryango yabo bamenyesha ko abo babo banyurujwe kuko ama telephones yabo yarasonna ntihagire uwitaba.Imiryango yabo ikaba itagifise icizere co gusubira kubonba ababo.

Nkuko bamwe babimenyesha, Ubutegetsi bw’i Bujumbura bwoba bushaka kwikurako abohava babugora mugihe co gushinga intahe ku mabi yakozwe.

Nkuko Leonidas Hatungimana abimenyesha, « biboneka ko hari umugambi wo kuzimanganya aboshinga intahe ku mabi boshobora kuba bagorana ». Abandanya asigura ko umugambwe CNND-FDD ushaka kwica abo bose bagize uruhara mu gukora amabi kugira ubwo butegetsi ntibuzobibazwe n’Ubutungane mpuzamakungu.

Umutegetsi wo ku gwego rwo hejuru yahoze ari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD amenyesha ati : « Uravye ibiriko bishikira imbonerakure zimwe zimwe, biragaragara ko hari umugambi wo kurangiza ivyabona bohava bagorana. CNDD-FDD irazi ivyoshobora gushika ejo. Barazi ko Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI iticaye…..hama abashinga intahe bogorana( les temoins genants) nibo bakoze amabi bategetswe n’abategetsi bamwe b’igendereza SNR…nibo vyabona vya mbere ariko kandi nibo ba mbetre batangura kuhasiga agatwe ».

Leonidas Hatungimana ahamagarira imbonerakure zose aho ziri mu kuraba ako kaga kabahanze, hama bakiyamiriza gukora amabi ayariyo yose canke guhohotera agateka ka zina muntu.