Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yaraye aburiye ibihugu vy’uburundi na Kongo ko abipfuza gutera urwanda azobasanga iwabo bakabirangirizayo kuko urwanda ari ruto.ibi yabitangaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 29 ruheshi mu myiyamamazo yarimwo I nyamasheke.

Umukuru w’igihugu c’urwanda akaba n’umu candida mu mugambwe FPR inkotanyi ariko yiyamamariza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe igenekerezo rya 15 mukakaro 2024,yaragarutse kubitero vyakozwe n’umuhari FLN mu myaka ya 2018-2021 bishigikiwe n’ibihugu bimwe bibanyi n’urwanda ariko akavuga naho uwo muhari watujijwe nubu hakiriko ibihugu bibanyi bicipfuza gushigira iyo mihari mu gusenyura inzego z’igihugu.
Prezida Paul kagame akaba yaciye aburira ibihugu bibanyi vy’urwanda biri mu burengero no mubumanuko(Kongo,uburundi)vyipfuza gutera urwanda ko azobisanga iyo biri bitaragera mu Rwanda kuko urwanda ari ruto.
Paul Kagame yagize ati:«Urwanda kubera ari ruto ntituzokwemera ko hari igihugu kidusanga hano kuko twosanga harivyo twononye mu gihugu cacu gito,ubuto bwacu tuzoburinda tuzobasanga iyo bari tubirangirizeyo.abo rero bashaka gutera urwanda ndabibutsa bashaka babireke.»
Imigenderanire y’urwanda n’ibihugu bibanyi kugeza ubu ntiyifashe neza biturutse ku ntambara zirangwa mu gihugu ca Kongo aho urwanda rwagumye rwagirizwa na Kongo gushigikira umuhari M23 urwanya ubutegetsi bwa kongo.
Kuruhande rw’uburundi,Urwanda rwagumye rwagiriza ko ingabo z’uburundi ziri muri Kongo gushigikira umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda 1994.Leta y’uburundi nayo yagumye yagiriza urwanda gushigikira umuhari Red Tabara wamaza uza guhungabanya umutekano mu Burundi uvuye mu Rwanda,hamwe no guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2015 bikaba vyatumye n’imipaka Leta y’uburundi bihana n’urwanda yugarwa.





Recent Comments