Prezida Ndayishimiye avuga uburundi bwafashije Bene Isiraheli Bose mu kubaha amazi banywa uhereye kuri Abraham,Yozefu na Yesu.
Gutyo abarundi bakwiye kwama bibutsa yesu yo yanyoye ku mazi y’iburundi mu gihe bari mu bibazo.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Rusama 2025 mw’Ishengero ry’abagenzi mu Kamenge Prezida Ndayishimiye yavuze ko abarundi bahezagiwe kuko bahaye amazi yo kunywa bene Isiraheli Bose uhereye kuri Abrahamu,Yozefu na Yesu.
Evariste Ndayishimiye akavuga ko Abraham yahungiye muri Egiputa ahunze inzara hama anywa ku mazi ya Nil aturuka iburundi,Yozefu na Yesu Bose nabo nyene banyoye ku mazi y’iburundi igihe bari bahungiye muri Egiputa.
Gutyo rero kubwa prezida Ndayishimiye,Abarundi bakwiye kumenya ko bahaye amazi yesu maze bakama babimwibutsa mu bibazo bitandukanye barimwo.
Prezida Ndayishimiye kuva atanguye ikiringo ciwe yakomeje kurangwa n’imvugo nyishi zitandukanye kandi aho uyu musi avuga iki ejo agahindura, ahandi naho ugasanga izo mvugo nyene zirimwo ibinyoma vyinshi,kwemera ivyo adashitsa imbere y’abanyagihugu ku mugaragaro ivyo abatari bake bake ndetse n’abari mu mugambwe aturukamwo batishimira.





Recent Comments