Prezida Ndayishimiye amenyesha ko ariko akora ibishoboka vyose kuburyo station zose zo mu gihugu zoba zifise ibitoro muri ibi bihe vy’imyiyamamazo.
Prezida Ndayishimiye ati:”ibigega tubifise hanze y’igihugu,guseha ibitoro ntivyoroshe ariko murabona ko ubu imiduga iguma izana ibitoro”.

Prezida Ndayishimiye avuze ko iki gihe igitoro ari cinshi cane kandi ko imiduga iguma iseha izana.Sopebu nayo yayisavye gukwiragiza igitoro kuma station yo mu gihugu cose kugeza aho imiduga yose idasubira kubura igitoro.
Ikibazo ariko kihari kubwa Neva nuko ibigega vy’ububiko bw’ibitoro biri hanze yigihugu,gutyo guseha ibitoro bikagorana.
Naho biri uko prezida Ndayishimiye avuga ko ariko akora ibishoboka vyose kugira station zose zo mu gihugu zironke ibitoro cane cane muri ibi vy’imyiyamamazo y’amatora.
Ibi akaba abishikirije mu ntara ya Gitega kuri stade ingoma mu gihe yari aramutse atanguza kumugaragaro ibikorwa vyo kwiyamamariza amatora yimirije y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine.





Recent Comments