Uburundi bwagirije Ububiligi ‘igandagurwa rya Rwagasore’.

0

Leta y’Uburundi yamenyesheje ku musi wa Mungu ejo ko igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore ata handi ryegekwa atari ku gihugu c’Ububiligi ko arico igihugu categetse igandagrwa ry’uwo muhisi afatwa ko ari incungu y’ukwikukira kw’Uburundi.

Iyo mvugo ya leta y’Uburudni ishobora kwunyura imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ububiligi yari isanwze ari mibi kuva mu mwaka wa 2015.

Umuganwa Rudoviko Rwagasore akaba ygandaguwe mu wmwaka wa 1961 arashwe amaze ukwezi kumwe agenywe kuba umushikiranganji wa mbere.

Itangazo rya leta y’Uburundi ryamenyesheje ko igihugu c’Ububiligi ari co ‘kiri inyuma y’igandagutrwa rya rwagasore’. Leta y’uburundi yamenyesheje ko igiye gukora amatohoza kuri urwo rupfu rubaye hahaze imyaka irenga 60.