UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi buza mu kibanza ca mbere mu bihugu birangwamwo igiturire kw’isi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe mpuzamakungu transparency International buri mwaka rirasohora icegeranyo cerekana ingene ibihugu birushanwa mu kuywanywa igiturire.muri raporo yaryo y’umwaka uheze wa 2023 yasohotse kuri uyu wa gatatu yerekana ko uburundi bukiri mukibanza ca mbere mu bihugu bigihanzwe n’igiturire kw’isi

Iyi rapport yerekana ko ibihugu 10 vya mbere birwanywa igiturire kw’isi yose ari:Danemark,Finlande,Nouvelle-zelande,Norvège,Singapour,Swède,Suisse,Pays-bas,Ubudagi,na Luxembourg. ivyo bihugu bisanzwe bizi ko abanyagihugu babayeho neza.

Ibihugu 10 vya mbere mw’isi yose bihanzwe n’igiturire bikaba ari ibi bikwirikira: Somalie,Venezuela,Syria,Sudani y’ubumanuko,Yemen,Korea y’uburaruko, Nicaragua,Haiti,Guinée Equatoriale,Turkménistan,Burundi na Libiya.

Muri afrika uko vyifashe n’uku gukwirikira: ibihugu vya mbere birwanya igiturire muri Afrika ni:Sychelles,Cape-vert,Rwanda,Maurice,Namibiya,sao-Tomé et Principe,Bénin,Ghana,Sénégal na Burkina Faso.

Ibihugu cumi vyambere muri afrika birangwamwo igiturire n’ibi bikwirikira:Somaliya,Sudani y’ubumanuko,Guinée Equatoriale,Lybiya,Sudani,RDC,Comores,Tchad,Burundi na Erythrée.

Uko uburundi buhagaze nuku:ku bihugu 180 transparency international yakoreyeko,Uburundi buri mu kibanza ca 162 mu bijanye no kurwanya igiturire.u Burundi buri mu bihugu 18 vya mbere bihanzwe n’igiturire mw’isi yose.

Muri afrika uburundi buri mu kibanza ca gatanu c’ibihugu bihanzwe n’igiturire.uburundi busangiye ico kibanza na RDC,Comores na Thad.
Mu karere k’Afrika y’ubuseruko,igihugu igihugu kiza imbere mu kurwanya ibiturire ni u Rwanda ruri mu kibanza ca 49 kw’isi yose.hakurikira Tanzaniya mu kibanza ca 87 kw’isi,Kenya mu kibanza ca 126,Uganda iri mu kibanza ca 141,Uburundi na RDC mu kibanza ca 162,Sudani y’ubumanuko mu kibanza ca 177,Somaliya mu kibanza ca 180 mu bihugu 180.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments