UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi imenyesha ko yinjije mu kigega ca Leta imiriyoni zirenga 4 z’amadorare avuye ku kurungika abakozi muri Arabie Saoudite

Umushikiranganji albert Nshingiro arongoye ubushishikiranganji bw’imigenderanire y’ uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko Leta yashoboye kwinjiza imiriyoni zirenga 4 z’amadorare zivuye kukurungika abakozi muri Arabie Saoudite akamenyesha kandi ko bariko baragiriranira ibiganiro n’ibindi bihugu vy’abarabu kugira urwaruka rw’uburundi ruronkeyo akazi.biri mucegeranyo c’ibikorwa vyaranguwe nubwo bushikiranganji mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2023.

Umushikiranganji Albert Nshingiro yavuze ati:«turabandanya kurungika urwaruka rubishoboye mu bihugu bimwe bimwe vy’abarabu kugirango ruje kwisumamwo baje gupagasa baronke uburyo bw’amafaranga bashobore kurungika iwabo kugira imiryango y’iwabo ishobore kwiteza imbere gusumba.gushika aya masaha turamaze kurungika mu gihugu c’Arabiya Saoudite abarundi bashika hafi 3051 aho rero ni kuva mu kwezi kwa gatanu k’umwaka uheze.abo nabo biyongera ku bandi barundi bari basanzwe baragiyeyo imbere yuko dushiraho amategeko abagenga bashika hafi 6700 urumva ko turiko turababa hafi 10 000 vy’abarundi baja murico gihugu.tukaba turiko turakora ukwo dushoboye kwose kugirango dushobore kuronderera cane cane urwaruka ibindi bihugu kuja gukoramwo.turiko turagira ibiganiro n’igihugu ca Omani,Jordaniya,Katare, koweti hamwe na Daharene kugira urwaruka ruje ruraja kwisumamwo hanze.nkuko mubizi benshi muri bo bakaba badafise akazi aha iwacu».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments