Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsUburundi buza mu kibanza ca mbere mu bihugu bikenye kw'isi (Icegeranyo c'ibanki...

Uburundi buza mu kibanza ca mbere mu bihugu bikenye kw’isi (Icegeranyo c’ibanki y’isi).

Icegeranyo c’ibanki y’isi gisohoka ku mwaka ku mwaka giheruka gukora amatohoza ku bihugu 195 bigize isi,  cashize igihugu c’uburundi ku mwanya wa mbere mu bihugu bikenye kw’isi aho amafaranga umunyagihugu w’umurundi umwumwe yinjije ku mwaka wa 2021 amadorare y’abanyamerika 240 (240$) . Igihugu ca Seychelles kikaba cashizwe ku mwanya wa mbere  ku mugabane wa Afrika mu bihugu vyifashe neza mu butunzi  bafatiye ku mwimbu umunyagihugu umwumwe w’ico gihugu yinjije aho uri ku rugero rw’amadorare y’abanyamerika ibihumbi 13.260 (13260$) ku mwaka. Muri Afrika y’ubuseruko, igihugu ca Kenya nico kiza ubwa mbere aho umunyagihugu umwumwe yinjije  amadorare ibihumbi 2.010 (2010$).Burundi: interdiction de circuler après 19h pour les femmes dans certaines communes

Muri ico cegeranyo gisohoka ku mwaka ku mwaka , cerekana ko ibihugu biza imbere cane  mu kugira  amahera menshi umunyagihugu w’ivyo bihugu yinjiza buri mwaka ari ibihugu vya buraya. Ku mugabane wa Afrika y’ubuseruko, igihugu ca Kenya nico kiza ubwambere ku rutonde rw’151. Umunyagihugu waho akaba yinjije amafaranga angana amadorare 2010. Kenya igakwirikirwa n’igihugu ca Tanzaniya aho cashizwe ku mwanya w’170 n’amadorare 1140 ku munyagihugu. Hagakurikira Urwanda ku mwanya wa 178 n’amadorare 850 ku munyagihugu. Uganda nayo ku mwanya wa 179 n’amadorare 840 hama hakaza ubwanyuma uburundi ku mwanya w’195 n’amadorare 240 ku munyagihugu.

Ku mugabane wa Afrika, igihugu ca Seychelles nico Ibanki y’isi yashize ku mwanya wa mbere mu bihugu 195 vyakozweko amatohoza aho kiza ku mwanya wa 66 n’amadorare 13.260 ku munyagihugu.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments