UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC:MONUSCO imenyesha ko idafise ubushobozi bukwiye bwo guhangana n’umuhari M23.

UBM News ads

umurwi wa ONU ujejwe  kubangabunga amahoro  muri Congo  MONUSCO umenyesha ko udafise ubushobozi bukwiye kugira uhangane n’abarwanyi b’umuhari M23. MONUSCO ikavuga ko uwo muhari umaze imisi urwanira mu ntara ya Kivu y’uburaruko  ufise ibirwanisho bikomeye kandi biri ku rwego rugezweho. MONUSCO isigura ko ubushobozi yahawe  ari ubwo gutuza imihari y’abitwaje ibirwanisho n’iyindi mirwi y’inkoraba  irwanira muri Congo  ariko ngo ntabwo bashoboye  guhangana n’umuhari witwara nk’igisirikare cikwije nka M23.MONUSCO repels deadly attack by suspected ADF in Mamundioma; reinforcements deployed to secure the location.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, Mathias Gillmann, umuvugizi w’ingabo za MONUSCO ati :«M23 yitwara ubu yitwara nk’igisirikare cikwikije ntabwo ifatwa nk’umurwi w’abitwaje ibirwanisho. Bisigura ko uwo muhari ufise ibirwanisho bikomeye kandi natwe nk’abajejwe kubungabunga amahoro muri Congo twahawe ibirwanisho vyo gutuza imihari y’abitwaje ibirwanisho ndetse n’iyindi mirwi y’inkorabara ntabwo dufise ubushobozi bwo guhangana n’imihari yitwara nk’igisirikare cikwije gifise ibirwanisho bikora mw’ijoro»

Uwo avugira MONUSCO akamenyesha kandi ko hamwe M23 yokomeza ibitero, biza gutanga inguvu zidasanzwe k’umuhari w’iterabwoba ADF gukomeza ibitero nsindamusiga ku banyagihugu bapfa ataco bazira, kuko biboneka ko MONUSCO n’Ingabo za Leta FARDC biriko bishira cane inguvu kuri M23 kugira bashobore gusubiza inyuma ibitero vy’uwo muhari.

Tubamenyeshe ko umuhari M23 wari waratsinzwe n’igisirikare ca Congo FARDC gifadikanije n ‘inteko za MONUSCO mu mwaka wa 2013. Niho mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2021 uwo muhari wongeye gusubira kwisuganya nkuko biri mu cegeranyo c’abahinga ba ONU bari muri Congo baheruka gusohora muri uku kwezi kwa Ruheshi.

 

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments