UBM News ads

Uburundi buvuga ko abagirizwa gukora Putsch bari mu Rwanda bashobora kuzanwa i Burundi umwanya n’umwanya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imigenderanire hagati y’uburundi hamwe n’urwanda igiye gusubira kumera neza kuko ivyo Leta y’uburundi yasaba Urwanda vyo kuyiha abagirizwa gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015, bigiye kuja mu ngiro.  Abo bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bakaba umwanya n’umwanya bagiye kuvanwa mu gihugu c’urwanda maze bazanwe mu Burundi bacirirwe urubanza. Ivyo vyatangajwe kuri uyu wa gatanu na Sonia Niyubahwe, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu hari mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta bahaye  abamenyeshamakuru n’abanyagihugu.Burundi Major General Godefroid Niyombare

Sonia Niyubahwe ikindi yamenyesheje ni uko ibiganiro hagati ya Leta y’uburundi hamwe n’iy’urwanda bigeze kure  kugirango  imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi inaguke. Niyubahwe akavuga ko ivyo bihugu bibiri bimaze imisi birungikiranira intumwa zidasanzwe kugira vuba ivyo bihugu bibiri bisubire kunywana nkuko vyari bimeze imbere yo mu mwaka wa 2015.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments